Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIBAZO CA 8

Gufatwa ku nguvu: Ni ibiki nkwiye kumenya?

Gufatwa ku nguvu: Ni ibiki nkwiye kumenya?

IGITUMA BIHAMBAYE

Buri mwaka, abantu amamiliyoni barafatwa ku nguvu canke bagakorerwa ayandi mabi afatiye ku gitsina, kandi abakiri bato ni bo bakarirwa.

WARI GUKORA IKI?

Annette yagiye gutahura ibiriko biramushikira yamaze gushika hasi. Agira ati: “Nta ko ntagize ngo ndamurwanye. Naragerageje gukoma induru ariko ijwi riranka gusohoka. Naramusunitse, ndamutera imigere, ndamudidagura, ndamuharatura ivyara, nza numva ancumise imbugita. Inguvu zose zaciye zimperana.”

Iyaba wari Annette, wari gukora iki?

BANZA UZIRIKANE!

Naho umuntu yokwiyubara gute, washaka akagenda agavye igihe atembera mw’ijoro, ibintu bibi birashobora kumushikira. Bibiliya ivuga iti: ‘Abanyarutsi si bo bene gutsinda isiganwa, eka n’abazi ubwenge si bo bene kugira ubutunzi, kuko ibihe be n’ibishika giturumbuka bibashikako bose.’​—Umusiguzi 9:11.

Nk’ukwo kwa Annette, abakiri bato bamwebamwe ayo mabi bayakorerwa n’umuntu batazi. Abandi na bo bayakorerwa n’umuntu bazi canke mbere wo mu muryango. Igihe Natalie yari afise imyaka 10, yarafashwe ku nguvu n’umuhungu w’umuyabaga babana hafi. Avuga ati: “Naragize ubwoba n’ibimaramare vyinshi ku buryo ata n’umwe nashotse ndabibwira.”

SI IKOSA RYAWE!

Annette araciyagiriza kubera ivyamushikiye. Avuga ati: “Ivyabaye muri iryo joro biguma bingaruka mu bwenge. Mbona umengo nari kugerageza kumurwanya kuruta uko nabigize. Ingorane ni uko naciye ntekerwa n’ubwoba aho amariye kuncumita. Nta kindi nari bugire, mugabo nguma numva umengo nari nkwiye gukora n’ibindi.”

Natalie na we nyene ariyagiriza. Avuga ati: “Sinari nkwiye kumwizigira ukuraho. Abavyeyi bari baratubwiye jewe na mwene wacu ko dutegerezwa kugumana igihe turiko turakinira hanze, ariko narabirenzeko. Mbona rero ko nahaye uwo mubanyi akaryo ko kungirira nabi. Ivyabaye vyarababaje cane umuryango wacu kandi mbona ko ari jewe nabiteye. Ico ni co kimbabaza cane.”

Nimba nawe wiyagiriza nka Annette na Natalie, niwibuke ko umuntu afashwe ko nguvu atari we aba yabishatse. Hari abafatira mu rwara ico kintu, bakabona ko ari ubuhizi ku bahungu canke ko bene gufatwa ku nguvu ari bo baba babikweze. Ariko nta n’umwe abereye gukorerwa ayo mabi. Nimba warakorewe ico kibi kibishe, si ikosa ryawe!

Yamara rero, kuvuga ngo “si ikosa ryawe” biroroshe, ariko kuvyemera ni ikindi kintu. Hari abigumizamwo ivyabashikiye bagaca baguma bitako umwikomo canke bakagira ibindi vyiyumviro bibi. Ariko none, ubinumye wibaza ko ari nde bifasha? Wewe canke nyene kugukorera ayo mabi? Vyoba vyiza uravye ukundi wobigenza.

RABA UWO UVYIGANIRA

Bibiliya itubwira yuko igihe wa mugororotsi Yobu yari arengewe n’umubabaro, yavuze ati: “Nzovuga ndundumiwe mu mutima!” (Yobu 10:1) Kubivuga na wewe vyogufasha. Kuyagira ivyagushikiye umuntu wizigiye birashobora kugufasha kurengera ivyabaye maze ugatekana mu mutima.

Intuntu ufise ishobora kuba ari nyinshi ku buryo utoyihanganira ata wugufashije. Ubona gute urondeye uwo ubiyagira?

Annette ivyo yaravyiboneye. Avuga ati: “Narabiyagiye umugenzi, na we andemesha kubibwira abakurambere babiri bo mw’ishengero. Nagize neza kubivuga. Twaricaranye nka kangahe baransubiriza umutima mu nda yuko ivyabaye atari ikosa ryanje.”

Natalie yariganiye abavyeyi biwe ivyamushikiye. Agira ati: “Baramfashe mu mugongo. Bandemesheje kutavyigumizamwo, kandi ivyo vyatumye ntarengerwa n’umubabaro n’ishavu.”

Isengesho na ryo nyene ryarafashije Natalie. Avuga ati: “Kwitura Imana vyaramfashije, na canecane mu bihe naba numva ata wundi nobibwira. Iyo ndiko ndasenga, ndasuka ibiri ku mutima vyose ntitinya. Nca numva icari ku mutima cururutse.”

Na wewe urashobora kwibonera ko hariho ‘igihe co gukira.’ (Umusiguzi 3:3) Niwitwararike amagara yawe kandi ntureke ngo urengerwe n’umubabaro. Nuruhuke bihagije. Ikiruta vyose, niwiheke kuri Yehova ya Mana y’uruhoza rwose.​—2 Abakorinto 1:3, 4.

WOBA UREHEJWE?

Nimba umuhungu mukundana aguma akugora ngo mugire ibintu bitabereye, nta kibi kirimwo umubwiye utarya umunwa uti: “Ntuhirahire!” canke uti: “Nkurako ukuboko!” Ntutinye ngo yohava aguheba. Niyaguheba kubera ico kintu, azoba atari rwawe! Nakare, ukwiriye umugabo nyawe, umugabo yubaha umubiri wawe n’ivyiyumviro vyawe.

UMWIMENYEREZO

“Igihe nari mu mashure yisumbuye, abahungu barakunda kunca inyuma bakankwega isutiye bagaca bambwira ko noryoherwa nemeye tukaryamana.”​—Coretta.

Wibaza ko abo bahungu bariko . . .

  1. Baratebura?

  2. Baramuresharesha?

  3. Barondera kumuhumbisha?

“Umusi umwe ndi muri bisi, hari umuhungu yatanguye kumbwira amajambo y’ibiterasoni yongera aza aramfata. Narashibuye ukuboko kwiwe nca ndamubwira amve iruhande. Yibajije ko ntakwije mu mutwe.”​—Candice.

Wibaza ko ivyo uwo muhungu yariko agirira Candice vyari ibiki?

  1. Gutebura na we?

  2. Kumuresharesha?

  3. Kurondera kumuhumbisha?

“Mu mwaka uheze, hari umuhungu yaguma ambwira ko ankunda be n’uko ashaka ko dukundana, naho naguma ndamwankira. Hari n’igihe yamfata ukuboko. Naramwiyama ariko ntiyumve. Igihe kimwe nariko ndapfunga ibirato nza numva ankubise agashi ku gisusu.”​—Bethany.

Ku bwawe, uwo muhungu yariko . . .

  1. Aratebura?

  2. Aramuresharesha?

  3. Arondera kumuhumbisha?

Inyishu y’ivyo bibazo bitatu ni C.

Kurondera guhumbisha umuntu bitandukaniye he no gutebura na we be no kumuresharesha?

Kurondera guhumbisha umuntu bigirirwa umuntu kandi atabishaka. Uwubigira aguma abikora kandi wamubujije.

Birakomeye kuko bishobora gushikana ku gufatwa ku nguvu.