Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIBAZO CA 10

Bibiliya yomfasha iki?

Bibiliya yomfasha iki?

IGITUMA BIHAMBAYE

Bibiliya ivuga ko “Icanditswe cose cahumetswe n’Imana.” (2 Timoteyo 3:16) Nimba ari ukwo biri, Bibiliya rero irashobora kukuronsa ubuyobozi ukeneye.

WARI GUKORA IKI?

Iyumvire iki kintu: David ariko aratembera ahantu atamenyereye. Kubera ko bwije, ntabona neza aho ageze. Aciye asanga yazimiye. Ashobora kuba yihenze agakatira mu nzira itari yo.

Iyaba wari David, wari gukora iki?

BANZA UZIRIKANE!

Hari ibintu nka bingahe wokora:

  1. 1. Kubaza inzira.

  2. 2. Kumurika n’itoroshi.

  3. 3. Kuguma ugenda wizigiye ko uhava utora inzira.

Biragaragara ko ico ca gatatu ata kintu kinini cogufasha.

Ica kabiri copfuma ugereranije n’ica mbere. Nakare itoroshi urayigendana, ukaza uramurika aho uca.

Muri ubwo buryo nyene, Bibiliya irashobora kugufasha!

Ico gitabu gikundwa na benshi kirashobora:

  • kugufasha mu ngorane zo mu buzima

  • kugufasha kwisuzuma maze ukarushiriza kuba umuntu mwiza

  • kukwereka ingene wobaho mu buryo bwiza

INYISHU Z’IBIBAZO BIHAMBAYE

Kuva tugitangura kwiga kuvuga turabaza ibibazo.

  • Kubera iki ijuru risa n’ubururu?

  • Inyenyeri zikozwe mu ki?

Tumaze gukura, duca dutangura kubaza ibibazo bijanye n’ibishika mu buzima.

  • Kubera iki haba ibintu bibabaje?

  • Kubera iki abantu bapfa?

Aho ntiwosanga inyishu z’ivyo bibazo zimaze igihe kirekire zibereye muri Bibiliya?

Abantu benshi bavuga ko Bibiliya yuzuyemwo imigani n’ibitito, ko yataye igihe canke ko igoye cane gutahura. Ariko none ingorane yoba ihagaze kuri Bibiliya canke ni ku vyo abantu bibaza ko bazi ku biyerekeye? Ubwo ntibabwiwe ibitari vyo?

Nk’akarorero, abantu bibaza ko Bibiliya ivuga ko Imana ari yo iganza isi. Ariko yoba ari yo iyiganza koko? Iyi si igeze aho umwansi ashaka! Yuzuye intuntu n’imibabaro, indwara n’urupfu, ubukene be n’ivyago. None Imana y’urukundo yoteza amabi nk’ayo?

Woshima kumenya inyishu y’ico kibazo? Ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’uwuganza isi birashobora kugutangaza!

Ngira wabonye yuko impanuro ziri muri kano gatabu zishingiye kuri Bibiliya. Ivyabona vya Yehova barajijutse ko Bibiliya irimwo impanuro zo kwizigirwa. Ivyo ni vyo kubera yuko Bibiliya ‘yahumetswe n’Imana kandi ikaba ari ngirakamaro ku kwigisha, ku gukangīra, ku kugorora ibintu.’ (2 Timoteyo 3:16, 17) Naho ari igitabu ca kera, kirafise akamaro muri iki gihe. Birakwiye ko ugisuzuma.