Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 1

Imana irema ijuru n’isi

Imana irema ijuru n’isi

Yehova Imana ni we yaturemye. Ni we yaremye ibintu vyose, ibiboneka n’ibitaboneka. Imbere yo kurema ibintu tubona, yabanje kurema abamarayika benshi, benshi cane. Umumarayika urazi ico ari co? Abamarayika ni ibiremwa Yehova yaremye bimeze nk’uko ameze. Ntidushobora kubabona, nk’uko tudashobora kubona Yehova. Umumarayika wa mbere Yehova yaremye yaciye amufasha kurema. Yaramufashije kurema inyenyeri, imibumbe n’ibindi bintu. Umwe muri iyo mibumbe ni iyi si nziza tubako.

Yehova yaciye ategura isi kugira ibikoko n’abantu bishobore kuyibako. Yaratumye umuco w’izuba urasira kw’isi. Yararemye imisozi, ibiyaga n’inzuzi.

Urazi ico Yehova yaciye akora? Yavuze ati: ‘Ngira ndeme ivyatsi, ibiterwa n’ibiti.’ Ivyamwa vy’ubwoko bwinshi, ibiterwa n’amashurwe vyaciye bitangura kumera. Yehova yaciye arema ibikoko bitandukanye: ibiguruka, ivyoga mu mazi, ibigendagenda kw’isi n’ibikwega inda hasi. Muri ivyo bikoko harimwo bitobito, nk’agakwavu, na bininibinini, nk’inzovu. Ni ikihe gikoko ukunda cane?

Yehova yaciye abwira wa mumarayika wa mbere ati: “Tureme umuntu.” Abantu baratandukanye n’ibikoko. Barashobora gukora ibintu bishasha. Barashobora kuvuga, gutwenga no gusenga. Barashobora kandi kubungabunga isi n’ibikoko. Urazi umuntu wa mbere Yehova yaremye? Reka tumurabe.

“Mu ntango Imana yaremye amajuru n’isi.”​—Itanguriro 1:1