Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 2

Imana irema abantu ba mbere

Imana irema abantu ba mbere

Yehova yaratunganije ahantu heza hitwa Edeni. Aho hantu hari amashurwe, ibiti n’ibikoko. Imana yaciye irema umuntu wa mbere Adamu imukuye mu mukungugu, ica iramuhumekera mu mazuru. Urazi icaciye kiba? Uwo muntu yaciye aba muzima! Yehova yaciye aha Adamu igikorwa co kubungabunga aho hantu no kwita amazina ibikoko vyose.

Yehova yarahaye Adamu itegeko ridasanzwe. Yamubwiye ati: ‘Urashobora kurya ivyamwa vyo ku biti vyose kiretse igiti kimwe gusa. Niwarya ku vyamwa vy’ico giti, uzoca upfa.’

Mu nyuma, Yehova yavuze ati: ‘Ngomba ndemere Adamu umufasha.’ Yaciye asinziriza cane Adamu, amukuramwo urubavu, maze arukoramwo umugore. Uwo mugore yitwa Eva. Adamu na Eva ni bo babaye umugabo n’umugore ba mbere. Adamu yumvise amerewe gute abonye uwo mugore wiwe? Yararyohewe cane, aca avuga ati: ‘Ehe umuntu Yehova yakoze mu rubavu rwanje! Ndaronse umuntu ameze nkanje.’

Yehova yaciye abwira Adamu na Eva ngo bavyare buzure isi. Yashaka ko umuryango wabo ukorera hamwe mu guhindura isi yose ikaba iparadizo, ahantu heza cane nko muri Edeni. Ariko si ko vyagenze. Kubera iki? Turabibona mu kigabane gikurikira.

“Uwabaremye kuva mu ntango yabagize umugabo n’umugore.”​—Matayo 19:4