Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 3

Adamu na Eva bagambararira Imana

Adamu na Eva bagambararira Imana

Umusi umwe Eva ari wenyene, inzoka yaravuganye na we. Yamubajije iti: ‘Ni ivy’ukuri ko Imana yababujije kurya kuri ibi biti vyose?’ Eva yishuye ati: ‘Turashobora kurya ku biti vyose, kiretse kimwe gusa. Tukiriyeko twoca dupfa.’ Nya nzoka yaciye imubwira iti: ‘Ntimuzopfa. Ahubwo mukiriyeko mwoca mumera nk’Imana.’ None ivyo vyari vyo? Oya, yariko iramuhenda. Ariko Eva yaravyemeye. Eva yagumye araba ico camwa, bituma acipfuza. Yahavuye akirya, arahako na Adamu. Naho Adamu yari azi ko bagambarariye Imana bazoca bapfa, yarariye kuri ico camwa.

Ku mugoroba, Yehova yaravuganye na Adamu na Eva. Yarababajije igituma bamugambarariye. Eva yavyagirije inzoka, Adamu na we avyagiriza Eva. Kubera ko Adamu na Eva bagambaraye, Yehova yaciye abirukana muri Edeni. Kugira ntibazosubireyo, yaciye ashira abamarayika n’inkota yaka umuriro ku bwinjiriro bwa Edeni.

Yehova yavuze ko uwahenze Eva na we nyene yari guhanwa. Mu bisanzwe si inzoka nya nzoka yavuganye na Eva. Igihe Yehova yarema inzoka ntiyazihaye ubushobozi bwo kuvuga. Umumarayika mubi ni we yatumye iyo nzoka ivuga. Yabigize kugira ahende Eva. Uwo mumarayika yitwa Shetani. Muri kazoza Yehova azokuraho Shetani kugira ntabandanye guhenda abantu.

“Shetani . . . yari umwicanyi kuva mu ntango, kandi ntiyashikamye mu kuri, kuko ukuri kutari muri we.”​—Yohani 8:44