Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 4

Yarishe mwene wabo

Yarishe mwene wabo

Adamu na Eva bamaze kuva muri Edeni, baravyaye abana benshi. Umwana wabo wa mbere yitwa Kayini. Yari umurimyi. Uwa kabiri na we yitwa Abeli, akaba yari umwungere.

Umusi umwe, Kayini na Abeli barahaye Yehova ibimazi. Urazi ikimazi ico ari co? Ni ikintu uha Yehova ubikuye ku mutima. Yehova yarashimye ikimazi ca Abeli, ariko ntiyashima ica Kayini. Kayini yaciye ashavura cane. Yehova yaramubwiye ko ishavu ryiwe ryari gutuma akora ikintu kibi. Mugabo Kayini ntiyamwumviye.

Ahubwo Kayini yaciye abwira Abeli ati: ‘Ingo tujane mu murima.’ Igihe bari bonyene mu murima, Kayini yarakubise mwene wabo, aramwica. None Yehova yaciye akora iki? Yarahanye Kayini mu kumurungika kure y’umuryango wabo. Kayini ntiyosubiye kugaruka.

Ni icigwa ikihe tuhigira? Turashobora gushavura igihe ibintu bitagenze uko twashaka. Tubonye ko ishavu riguma ryongerekana, canke n’abandi bakaduhanura, turakwiye guca tureka iryo shavu kugira ntiritume dukora amakosa.

Kubera yuko Abeli yakunda Yehova kandi agakora ivyiza, Yehova ntazomwibagira. Azomuzura igihe isi izoba yabaye iparadizo.

“Nubanze wikiranure na mwene wanyu, maze niwagaruka, ubone gushikana ishikanwa ryawe.”​—Matayo 5:24