Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 5

Ubwato bwa Nowa

Ubwato bwa Nowa

Haciye igihe, abantu baragwiriye kw’isi, ariko benshi muri bo bari babi. Hari n’abamarayika babaye babi. Baravuye mw’ijuru baza ng’aha kw’isi. Urazi icatumye baza? Kwari ukugira biyambike imibiri y’abantu, bace birongorera abagore.

Abo bamarayika baravyaranye abana n’abo bagore. Abo bana barakuze baba abantu bakomeye rwose kandi basinda cane. Baragirira nabi abantu. Yehova ntiyari kureka ibintu nk’ivyo ngo bibandanye. Yaciye yiyumvira gukuraho abo bantu babi akoresheje umwuzure.

Ariko hariho umuntu atari ameze nka bo. Yarakunda Yehova. Yitwa Nowa. Yari afise umugore n’abahungu batatu: Shemu, Hamu na Yafeti. Abo bahungu bose bari bafise abagore. Yehova yabwiye Nowa kwubaka ubwato bunini we n’umuryango wiwe bari kwinjiramwo kugira ntibahitanwe n’umwuzure. Ubwo bwato bwari bumeze nk’igisandugu kinini gishobora kureremba ku mazi. Yehova kandi yabwiye Nowa kwinjiza ibikoko vyinshi muri ubwo bwato kugira na vyo nyene birokoke.

Ubwo nyene Nowa yaciye atangura kwubaka ubwo bwato. Nowa n’umuryango wiwe bamaze nk’imyaka 50 bariko barabwubaka. Babwubatse nk’uko nyene Yehova yari yababwiye. Muri ico gihe, Nowa yaguma abwira abantu ko hazoza umwuzure, ariko nta n’umwe yamwumvirije.

Amaherezo, barinjiye muri nya bwato. Reka turabe ivyakurikiye.

“Nk’uko imisi ya Nowa yari imeze, ni ko n’ukuhaba kw’Umwana w’umuntu kuzomera.”​—Matayo 24:37