Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 7

Umunara w’i Babeli

Umunara w’i Babeli

Inyuma y’umwuzure, abahungu ba Nowa baravyaye abana benshi. Abantu barongerekanye, batangura gukwiragira kw’isi, nk’uko Yehova yari yarababwiye.

Ariko bamwe muri bo ntibagamburukiye Yehova. Bavuze bati: ‘Reka twubake igisagara, duce twigumira hano. Tuzokwubaka umunara muremure ushika kw’ijuru, duce tumenyekana.’

Yehova ntiyashimye ivyo abo bantu bariko barakora; ni co gituma yaciye abahagarika. Urazi ingene yabigenjeje? Yaciye atuma batangura kuvuga indimi zitandukanye. Kubera ko batari bagishobora kwumvikana, baciye bahagarika kwubaka. Ico gisagara bariko barubaka caciye citwa Babeli, bikaba bisobanura “Umuvurungano.” Abo bantu baciye bimuka baja kuba hirya no hino kw’isi. Ariko bagumye bakora ibintu bibi n’iyo bari bimukiye. None hari abantu bakunda Yehova bari bagisigaye? Turabibona mu kigabane gikurikira.

“Uwo wese yishira hejuru azoteterezwa, mugabo uwicisha bugufi we [azoshirwa] hejuru.”​—Luka 18:14