Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 8

Aburahamu na Sara baragamburutse

Aburahamu na Sara baragamburutse

Hafi y’i Babeli hari igisagara citwa Uri. Abantu baho basenga imana nyinshi. Ariko hariho umuntu yasenga Yehova gusa. Uwo muntu yitwa Aburahamu.

Yehova yabwiye Aburahamu ati: ‘Nuve mu gihugu cawe no mu ncuti zawe, uje mu gihugu nzokwereka.’ Imana yaciye imusezeranira iti: ‘Uzovamwo ihanga rinini, kandi nzokorera ivyiza abantu benshi bo kw’isi kubera wewe.’

Aburahamu ntiyari azi iyo Yehova amurungitse, ariko yarizigiye Yehova. Aburahamu, umugore wiwe Sara, se wiwe Tera na Loti umuhungu wa mwene wabo, baratekeye ibintu vyabo baragenda, nk’uko Yehova yari yabibategetse.

Aburahamu yari afise imyaka 75 igihe we n’umuryango wiwe bashika mu gihugu Yehova yashaka kubereka. Ico gihugu citwa Kanani. Aho i Kanini Imana yaravuganye na Aburahamu, imusezeranira iti: ‘Iki gihugu cose ubona, nzogiha abana bawe.’ Ariko Aburahamu na Sara bari bashaje kandi nta mwana bari bafise. None Yehova yari gushitsa gute iryo sezerano?

“Kubera ukwizera, Aburahamu . . . yaragamburutse aragenda, aja ahantu yabwirizwa kuronka bwa ntoranwa; kandi yaragiye, naho atari azi iyo yariko araja.”​—Abaheburayo 11:8