Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIRWA CA 9

Baza baronka umwana!

Baza baronka umwana!

Aburahamu na Sara bari bamaze imyaka myinshi babana. Bari barahevye inzu nziza babamwo i Uri baja kuba mw’ihema. Ariko Sara ntiyigeze ashavura, kubera izigira Yehova.

Sara yarashaka akana cane ku buryo yabwiye Aburahamu ati: ‘Hamwe umukozi wanje Hagari yovyara umwana, ni nk’aho yoba ari rwanje.’ Hagari yahavuye avyara umwana. Uwo mwana yitwa Ishimayeli.

Haciye imyaka myinshi, Aburahamu afise imyaka 99, Sara na we 89, baragendewe n’abashitsi batatu. Aburahamu yarabahaye ikaze ngo baruhukire munsi y’igiti maze arabazimana. Wibaza ko abo bashitsi bari bande? Bari abamarayika! Babwiye Aburahamu bati: ‘Mu mwaka uza mu gihe nk’iki, mwe n’umugore wawe muzoba mufise umwana.’ Sara yariko arabumviriza ari mw’ihema. Yaratwenze, yibwira ati: ‘Noshobora kuvyara kandi nshaje gutya?’

Mu mwaka wakurikiye, Sara yaravyaye umwana w’umuhungu, nk’uko nyene wa mumarayika wa Yehova yari yabivuze. Aburahamu yamwise Izahaki, bikaba bisobanura ngo “Agatwengo.”

Igihe Izahaki yari afise nk’imyaka itanu, Sara yarabonye Ishimayeli ariko aramucokoza. Kubera ko yashaka gukingira umwana wiwe, yaciye asaba Aburahamu ngo yirukane Hagari na Ishimayeli. Aburahamu ntiyashaka kubirukana. Mugabo Yehova yaciye amubwira ati: ‘Umviriza ivyo Sara akubwiye. Ishimayeli nzomufasha. Ariko ivyo nasezeranye nzobishitsa biciye kuri Izahaki.’

“Kubera ukwizera kandi, Sara ubwiwe yararonse ububasha bwo gusama inda y’uruvyaro, . . . kuko yabonye ko uwari yarasezeranye ari umwizigirwa.”​—Abaheburayo 11:11