Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 10

Mwibuke umugore wa Loti

Mwibuke umugore wa Loti

Loti yabana na sewabo Aburahamu mu gihugu ca Kanani. Aburahamu na Loti bahavuye bagira ibitungwa vyinshi ku buryo babura aho babiragirira. Aburahamu yabwiye Loti ati: ‘Ntitugishobora kubana. Nutore aho wipfuza kuja, nanje nca nja ahasigaye.’ Ivyo none ntivyerekana ko Aburahamu atikunda?

Loti yarabonye ahantu heza muri ico gihugu, hafi y’igisagara citwa Sodomu. Hari amazi menshi n’ivyatsi bitotahaye. Ni ho yaciye ahitamwo, arimukirayo n’umuryango wiwe.

Abantu b’i Sodomu no mu gisagara cari hafi yaho ca Gomora bari babi. Emwe, bari babi cane ku buryo Yehova yafashe ingingo yo guhonya ivyo bisagara. Ariko Imana yaripfuza gukiza Loti n’umuryango wiwe. Yaciye ituma abamarayika babiri kubabwira bati: ‘Nyarutsa muve muri iki gisagara! Yehova agira agihonye.’

Loti ntiyaciye avayo ubwo nyene. Yagumye ateba. Nya bamarayika baciye bafata ukuboko Loti n’umugore wiwe n’abakobwa biwe babiri, babajana hanze y’ico gisagara. Bababwiye bati: ‘Iruka! Hunga, kandi ntimurabe inyuma. Nimwaraba inyuma muca mupfa!’

Bashitse mu gisagara citwa Zowari, Yehova yaciye atiburira umuriro kuri Sodomu na Gomora. Abantu bose bari muri ivyo bisagara barapfuye. Umugore wa Loti yaragambarariye Yehova araraba inyuma, aca ahinduka inkingi y’umunyu! Ivyo vyarababaje cane Loti n’abakobwa biwe. Ariko bobo bararokotse kubera bagamburukiye Yehova. Ivyo biratwereka ko kugamburukira Yehova bihambaye cane.

“Mwibuke muka Loti.”​—Luka 17:32