Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 11

Imana igeza Aburahamu

Imana igeza Aburahamu

Aburahamu yarigishije umuhungu wiwe Izahaki gukunda Yehova no kwizigira ivyo asezerana vyose. Ariko igihe Izahaki yari afise nk’imyaka 25, Yehova yarasavye Aburahamu gukora ikintu kigoye cane. Urazi ico ari co?

Imana yabwiye Aburahamu iti: ‘Fata uwo mwana umwe ufise, umutangeko ikimazi ku musozi uri mu gihugu ca Moriya.’ Aburahamu ntiyari azi igituma Yehova amusavye gukora ico kintu, ariko yaragamburutse.

Bukeye, Aburahamu yarazindutse afata Izahaki n’abakozi biwe babiri, maze baja i Moriya. Haheze imisi itatu bagenda, ni ho batangura kubona nya musozi uri nka hariya. Aburahamu yaciye abwira ba bakozi biwe ngo babarindire, mu gihe we na Izahaki bari bagiye gushikanira Imana ikimazi. Aburahamu yarahaye Izahaki inkwi, na we atwara imbugita. Izahaki yabajije se wiwe ati: ‘None igitungwa tuza gutangako ikimazi kiri hehe?’ Aburahamu yamwishuye ati: ‘Mwananje, Yehova araza kukiduha.’

Bashitse kuri wa musozi, barubatse igicaniro. Aburahamu yaciye aboha Izahaki amaguru n’amaboko maze amushira kuri ico gicaniro.

Aburahamu yaciye atora ya mbugita. Ako kanya nyene, umumarayika wa Yehova yaciye asemerera ari mw’ijuru, ati: ‘Aburahamu! Ntihagire ico ugira uwo mwana! Ubu ndabonye ko wizera Imana kuko utanse kumutangako ikimazi.’ Aburahamu yaciye abona intama yafashwe amahembe mu gisaka. Ubwo nyene yaciye abohora Izahaki, aca afata nya ntama aba ari yo atanga.

Kuva ico gihe, Yehova yaciye yita Aburahamu umugenzi wiwe. Urazi igituma? Aburahamu yarakora ikintu cose Yehova amusavye, n’igihe yaba adatahura igituma akimusavye.

Yehova yaciye asubira gusezeranira Aburahamu ati: ‘Nzoguhezagira, kandi nzotuma abana bawe baba benshi.’ Yehova yaravuze kandi ko azohezagira abantu beza bose biciye ku muryango wa Aburahamu.

“Imana ya[ra]kunze isi cane ku buryo yatanze Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe ahubwo aronke ubuzima budahera.”​—Yohani 3:16