Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 12

Yakobo ahabwa intoranwa

Yakobo ahabwa intoranwa

Igihe Izahaki yari afise imyaka 40, yararongoye umugore yitwa Rebeka. Yaramukunda cane. Bahavuye bavyara abahungu babiri b’amahasa.

Bukuru yitwa Esawu, butoyi na we akitwa Yakobo. Esawu ntiyaguma muhira, yakunda kuja guhiga ibikoko mw’ishamba. Ariko Yakobo yakunda kwigumira muhira.

Ico gihe, umuhungu mukuru ni we yahabwa itongo rinini n’amahera menshi se wiwe apfuye. Ivyo ni vyo bita intoranwa. Ku muryango wa Izahaki, muri iyo ntoranwa harimwo kugira uruhara mu vyo Yehova yari yarasezeraniye Aburahamu. Esawu ntiyitaho ivyo bintu Yehova yari yarasezeranye, ariko Yakobo yari azi ko vyari bihambaye cane.

Umusi umwe, Esawu yatashe arushe cane avuye guhiga. Yaramotewe n’ibifungurwa biryoshe Yakobo yariko arateka, aca amubwira ati: ‘Inzara iranyishe! Mpa kuri ivyo uriko urateka!’ Yakobo yamubwiye ati: ‘Ndaguha, ariko ubanze unyemerere ko nzoca ntwara intoranwa yawe.’ Esawu yaciye amwishura ati: ‘Ivy’intoranwa nta vyo mbabaye! Urashaka utware. Nyihere indya gusa.’ Wumva Esawu atabaye ikijuju? Cane nyene. Esawu yarahevye ikintu c’agaciro cane kubera indya gusa!

Igihe Izahaki yari ashaje cane, harageze ko ahezagira umwana wiwe mukuru. Ariko Rebeka yarafashije Yakobo kugira abe ari we ahezagirwa, naho ari we yari mutoyi. Igihe Esawu yabimenya, yarashavuye cane, aca ashaka kwica mwenewabo. Kugira Izahaki na Rebeka bakingire Yakobo, bamubwiye bati: ‘Ba uragenda kwa Labani musaza wa mama wawe, ishavu rya Esawu ribanze rihere.’ Yakobo yarumviye abavyeyi biwe, aca arahunga.

“Umuntu vyomumarira iki kwunguka isi yose agaheba ubuzima bwiwe? Mu vy’ukuri, umuntu yotanga iki ngo arokore ubuzima bwiwe?”​—Mariko 8:36, 37