Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 13

Yakobo na Esawu basubira gukundana

Yakobo na Esawu basubira gukundana

Yehova yarasezeraniye Yakobo ko azomukingira nk’uko yakingiye Aburahamu na Izahaki. Yakobo yaba i Harani. Yararongoye, aravyara abana benshi, araronka n’ubutunzi bwinshi.

Haciye igihe, Yehova yarabwiye Yakobo ati: ‘Subira mu gihugu cawe.’ Yakobo n’umuryango wiwe baciye bafata urugendo rurerure basubira mu gihugu ciwe. Bari mu nzira, hari abantu babwiye Yakobo bati: ‘Mwene wanyu Esawu ariko araza, kandi ari kumwe n’abagabo 400!’ Yakobo yaragize ubwoba bwinshi, yiyumvira ko Esawu aje kumugirira nabi n’umuryango wiwe. Yaciye asenga Yehova ati: ‘Ndagusavye mwene wacu ntangirire nabi.’ Bukeye, Yakobo yararungikiye Esawu intama nyinshi, impene, inka, ingamiya n’indogobwa.

Muri iryo joro, igihe Yakobo yari wenyene, yarabonye umumarayika! Nya mumarayika yaratanguye kunigana na we. Baraniganye gushika mu gitondo. Naho Yakobo yari yavunitse, yagumye anigana na we. Nya mumarayika yamubwiye ati: ‘Ndeka ngende.’ Ariko Yakobo yamwishuye ati: ‘Sinkurekura utabanje kumpezagira.’

Uwo mumarayika yahavuye ahezagira Yakobo. Yakobo yaciye amenya ko Yehova atari kureka ngo Esawu amugirire nabi.

Muri ico gitondo, Yakobo yarabonye Esawu na ba bagabo 400 bari kure. Yakobo yaciye ashira inyuma umuryango wiwe, aba ari we aja imbere. Yarunamiye mwene wabo incuro indwi. Esawu yaciye yiruka aja kugwa mu nda Yakobo. Bose baciye baturikisha bararira, baca barasubira gukundana. Wibaza ko Yehova yumvise amerewe gute abonye ivyo Yakobo yakoze kugira asubire gukundana na mwene wabo?

Mu nyuma, Esawu yarasubiye muhira iwe, Yakobo na we arabandanya urugendo rwiwe. Yakobo yari afise abahungu 12. Bari Rubeni, Simeyoni, Lewi, Yuda, Dani, Nafutali, Gadi, Asheri, Isakari, Zebuloni, Yozefu na Benyamini. Umwe muri abo bahungu, ari we Yozefu, Yehova yaramukoresheje mu gukiza abantu biwe. Urazi uko vyagenze? Reka tubirabe.

“Mubandanye gukunda abansi banyu no gusabira ababahama; kugira mwerekane ko muri abana ba So ari mw’ijuru.”​—Matayo 5:44, 45