Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 14

Yozefu yaragamburukiye Imana

Yozefu yaragamburukiye Imana

Yozefu yavutse Yakobo amaze gusaza. Bakuru biwe barabonye ko se wabo yamukunda cane. None wibaza ko ivyo vyabanezereye? Oya, baciye bamwanka. Igihe kimwe Yozefu yararose ibintu bidasanzwe, aca arabibwira bene wabo. Bibajije ko bisobanura yuko umusi umwe bazomwunamira, baca bararushiriza kumwanka!

Igihe kimwe, bene wabo na Yozefu bari baragiye intama hafi y’igisagara ca Shekemu. Yakobo yararungitse Yozefu ngo aje kuraba uko bamerewe. Babonye Yozefu akiri kure, baciye babwirana bati: ‘Wa muntu akunda kurota ng’uriya araje. Nimuze tumwice!’ Baciye bamufata bamuterera mu kinogo kirekire. Ariko Yuda, umwe muri bene wabo, yababwiye ati: ‘Ntitumwice! Ahubwo reka tumugurishe aje kuba umushumba.’ Baciye bamugurisha ibiceri 20 vy’ifeza ku badandaza b’Abamidiyani bariko baja mu Misiri.

Bene wabo na Yozefu baciye bafata impuzu yiwe bayijobeka mu maraso y’impene, baca bayirungikira se wabo, bamubwira bati: ‘Ubwo iyi mpuzu si iya Yozefu?’ Yakobo yaciye yibaza ko igikoko camuriye. Yarababaye cane. Nta n’umwe yashoboye kumuhoza.

Mu Misiri, Yozefu yagurishijwe ku mutegetsi ahambaye yitwa Potifari. Ariko Yehova yari kumwe na Yozefu. Potifari yarabonye ko Yozefu akora neza ibikorwa, aca aramwizigira. Bidatevye, Potifari yaciye amushinga ivyo mu rugo rwiwe vyose.

Umugore wa Potifari yarabonye ko Yozefu yari mwiza kandi ko yari akomeye. Imisi yose yama amusaba ngo baryamane. None Yozefu yaca akora iki? Yariyankira, akamubwira ati: ‘Oya! Ivyo ni bibi. Databuja aranyizigira, kandi wewe uri umugore wiwe. Hamwe noryamana na wewe, noba ncumuye ku Mana!’

Umusi umwe, umugore wa Potifari yaragerageje guhata Yozefu ngo baryamane. Yaramukweze impuzu, ariko Yozefu aca ariruka. Potifari atashe, uwo mugore yaciye amubwira ko Yozefu yashatse kumufata ku nguvu. Ariko yariko aramubeshera. Potifari yarashavuye cane, aca arapfungisha Yozefu. Ariko Yehova ntiyibagiye Yozefu.

“Mwicishe bugufi rero munsi y’ukuboko kw’ububasha kw’Imana, kugira ngo ibashire hejuru igihe kigeze.”​—1 Petero 5:6