Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 17

Musa yahisemwo gukorera Yehova

Musa yahisemwo gukorera Yehova

Mu Misiri, abo mu muryango wa Yakobo bahavuye bitwa Abisirayeli. Yakobo na Yozefu bamaze gupfa, haratanguye kuganza Farawo mushasha. Yaratinye kubera ko Abisirayeli bariko baragwira gusumba Abanyamisiri. Farawo yaciye agira Abisirayeli abaja. Yabategetse gufyatura amatafari no gukora cane mu mirima. Ariko uko Abanyamisiri bafata nabi Abisirayeli, ni ko Abisirayeli baguma bagwira. Kubera ko Farawo atabishaka, yaciye ategeka ko abahungu bose b’Abisirayeli bavutse baca bicwa. Urazi ukuntu ico kintu cateye ubwoba Abisirayeli?

Umugore w’Umwisirayelikazi yitwa Yokebedi yari afise akana keza cane k’agahungu. Kugira agakingire, yagashize mu giseke maze akanyegeza mu rufunzo ku ruzi Nili. Mushiki wako yitwa Miriyamu yaciye aguma hafi kugira agacunge.

Umukobwa wa Farawo yaraje kwoga mu ruzi, aca arabona ca giseke. Agipfunduruye yasanzeyo akana kariko karira, aca akumvira ikigongwe. Miriyamu yamubajije ati: ‘Ngende kurondera umugore yomukwonkereza?’ Umukobwa wa Farawo yaremeye, Miriyamu aca azana nyina wiwe Yokebedi. Umukobwa wa Farawo yamubwiye ati: ‘Twara uyu mwana umunyonkereze, nzoguhemba.’

Nya mwana amaze gukura, Yokebedi yaramushiriye umukobwa wa Farawo. Yaciye amwita Musa maze amurera nk’umwana wiwe. Musa yari nk’umwana w’umwami, kandi yararonka ikintu cose ashaka. Ariko ntiyigeze yibagira Yehova. Yari azi ko ari Umwisirayeli, kandi yahisemwo gukorera Yehova.

Musa afise imyaka 40, yararondeye gufasha abantu b’iwabo. Igihe yabona Umunyamisiri ariko arakubita Umwisirayeli, yaciye yica uwo Munyamisiri. Musa yaciye anyegeza ikiziga ciwe mu musenyi. Farawo yarabimenye, aca arondera kwica Musa. Musa yaciye ahungira mu gihugu ca Midiyani. Ari aho, Yehova yaramwitwararitse.

“Kubera ukwizera, Musa . . . yaranse kwitwa umuhungu w’umukobwa wa Farawo, ahitamwo gufatanwa nabi n’abantu b’Imana.”​—Abaheburayo 11:24, 25