Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 18

Igisaka caka umuriro

Igisaka caka umuriro

Musa yabaye i Midiyani imyaka 40. Yarazanye umugore, aravyara n’abana. Igihe kimwe aragiye intama hafi y’umusozi Sinayi, yarabonye ikintu gitangaje. Yabonye igisaka c’amahwa cariko kiraka umuriro mugabo ntigishe! Igihe Musa yegera ngo arabe igituma kidasha, yaciye yumva ijwi rivuye muri nya gisaka rimubwira riti: ‘Musa! Ntiwegere ng’aha. Kura ibirato vyawe kuko aha hantu uhagaze ari heranda.’ Yehova ni we yariko aravuga biciye ku mumarayika.

Musa yaragize ubwoba, aca aripfuka mu maso. Nya jwi ryaciye rimubwira riti: ‘Nabonye ingorane Abisirayeli barimwo. Nzobakura mu Misiri ndabajane mu gihugu ciza. Ni wewe uzobayobora ubakure mu Misiri.’ Musa ategerezwa kuba yaratangaye cane.

Musa yabajije Yehova ati: ‘Abantu nibambaza uwantumye, nzobabwira ko ari nde?’ Yehova yamwishuye ati: ‘Urababwira ko Yehova, Imana ya Aburahamu, Imana ya Izahaki n’Imana ya Yakobo ari yo yagutumye.’ Musa yaciye amubaza ati: ‘Abantu nibatanyumviriza na ho?’ Yehova yaciye aha Musa ikimenyetso c’uko azomufasha. Yasavye Musa ngo aterere hasi inkoni yiwe. Nya nkoni yaciye ihinduka inzoka! Igihe Musa yayifata ku murizo, yaciye isubira kuba inkoni. Yehova yamubwiye ati: ‘Niwakora ico gitangaro, bazoca bemera ko ari jewe nagutumye.’

Musa yabwiye Yehova ati: ‘Sinzi kuvuga.’ Yehova yaciye amusezeranira ati: ‘Nzokubwira ivyo uzovuga, kandi nzorungika mwene wanyu Aroni agufashe.’ Kubera ko Musa yari yabonye ko Yehova ari kumwe na we, yaciye afata umugore wiwe n’abana biwe, baja mu Misiri.

“Ntimuze mwiganyire ku vy’ingene muzovuga canke ku vyo muzovuga; kuko ivyo muzovuga muzobihabwa muri iyo saha.”​—Matayo 10:19