Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 19

Ibihano bitatu vya mbere

Ibihano bitatu vya mbere

Kubera ko Abisirayeli bari abashumba, bakoreshwa ibikorwa biruhisha. Yehova yararungitse Musa na Aroni kwa Farawo ngo bamubwire bati: ‘Rekura abantu banje kugira baje kunsengera mu bugaragwa.’ Farawo yishuye n’ubwishime n’akantu ati: ‘Yehova sindamwumvira, kandi sindekura Abisirayeli.’ Aho kubarekura, Farawo yaciye abategeka gukora cane gusumba uko bahora. Yehova yaciye ahana Farawo. Urazi ingene yabigenjeje? Yarateje Misiri ibihano cumi. Yehova yabwiye Musa ati: ‘Farawo yanse kunyumvira. Mu gitondo azoba ari ku ruzi Nili. Uramusangayo umubwire ko amazi ya Nili azohinduka amaraso kubera yanse kurekura abantu banje.’ Musa yaragamburutse araja guhura na Farawo. Farawo yarabonye ingene Aroni akubita inkoni ku ruzi Nili, rugaca ruhinduka amaraso. Amazi yaciye atangura kunuka ku buryo abantu batari bagishobora kuyanywa, n’ifi zirapfa. Ariko Farawo yaranse kurekura Abisirayeli.

Haciye imisi indwi, Yehova yarasubiye kurungika Musa kwa Farawo kumubwira ati: ‘Nutarungika abantu banje, mu Misiri hose hazokwuzura ibikere.’ Aroni yaradugije inkoni yiwe, mu gihugu haca huzura ibikere. Abantu basanga ibikere mu mazu yabo, mu bitanda no mu masafuriya. Hose hari ibikere! Farawo yarasavye Musa ngo atakambire Yehova abakureko ico gihano, asezerana ko azoca arekura Abisirayeli. Yehova yarahagaritse ico gihano, Abanyamisiri baca baregeranya ibikere vyapfuye, bagira ibirundo. Igihugu cose caranuka. Ariko n’ico gihe Farawo ntiyaretse Abisirayeli ngo bagende.

Yehova yaciye abwira Musa ati: ‘Aroni nakubite inkoni yiwe hasi, umukungugu uca uhinduka imibu.’ Ubwo nyene hose haciye huzura imibu. Bamwe mu bantu ba Farawo bamubwiye bati: ‘Iki gihano kivuye ku Mana.’ Ariko n’ico gihe Farawo yaranse kurekura Abisirayeli.

“Nzobamenyesha ukuboko kwanje n’ubushobozi bwanje, kandi bazomenya koko yuko izina ryanje ari Yehova.”​—Yeremiya 16:21