Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 20

Ibindi bihano bitandatu

Ibindi bihano bitandatu

Musa na Aroni baragiye kubwira Farawo ivyo Imana ibatumye, bati: ‘Utarekuye abantu banje, nzoteza ibibugu mu gihugu.’ Ibibugu vyaciye vyuzura mu mazu yose y’Abanyamisiri, abakene n’abatunzi. Igihugu cose cari cuzuye ibibugu. Ariko mu ntara ya Gosheni aho Abisirayeli baba nta bibugu vyariyo. Kuva kuri ico gihano ca kane, ibihano vyakurikiye vyashikira Abanyamisiri gusa. Farawo yatakambiye Musa ati: ‘Saba Yehova adukureko ibi bibugu, Abisirayeli baca bagenda.’ Ariko Yehova amaze gukuraho nya bibugu, Farawo yaciye asubira kwanka. None Farawo yari guteba akemera kubarekura?

Yehova yavuze ati: ‘Farawo natarekura abantu banje, ibitungwa vyose vy’Abanyamisiri bizogwara hanyuma bipfe.’ Bukeye, ibitungwa vyaciye bitangura gupfa. Ariko ibitungwa vy’Abisirayeli ntivyapfuye. N’ico gihe Farawo yaranse kubarekura.

Yehova yaciye abwira Musa ngo asubire kwa Farawo maze aterere iminyota mu kirere. Nya minyota yaciye ihinduka umukungugu maze uja ku Banyamisiri bose. Uwo mukungugu waciye utuma Abanyamisiri bose n’ibitungwa vyabo bagwara ibihute bibabaza. N’ico gihe nyene, Farawo yaranse kurekura Abisirayeli.

Yehova yarasubiye kurungika Musa kwa Farawo ngo amubwire ati: ‘N’ubu nturemera kurungika abantu banje? Ejo hazogwa urubura mu gihugu.’ Bukeye, Yehova yararungitse urubura, imituragaro n’umuriro. Ntihari bwigere haba igihuhusi nk’ico mu Misiri. Ibiti n’ibitegwa vyose vyarononekaye, kiretse ivyo mu ntara ya Gosheni. Farawo yaciye avuga ati: ‘Takambira Yehova ahagarike ibi bintu! Muzoheza mugende.’ Ariko nya rubura rukimara guhera, Farawo yaciye ahindura.

Musa yaciye amubwira ati: ‘Ubu rero inzige zizorya ibiterwa vyose vyasigajwe na rwa rubura.’ Inzige nyinshi cane zarariye ibintu vyose vyari bisigaye mu mirima no ku biti. Farawo yasavye Musa ati: ‘Takambira Yehova akureho izi nzige.’ Ariko n’igihe Yehova yakuraho izo nzige, Farawo yagumye yanka kurekura Abisirayeli.

Yehova yabwiye Musa ati: ‘Ramvura ukuboko kwawe ukwerekeza mw’ijuru.’ Ubwo nyene haciye haba umwiza w’umuzitanya. Abanyamisiri bamaze imisi itatu badashobora kubona ikintu na kimwe canke umuntu n’umwe. Mu mazu y’Abisirayeli ni ho gusa habona.

Farawo yaciye abwira Musa ati: ‘Ubu murashobora kugenda. Ariko ibitungwa vyanyu mubisige.’ Musa yamwishuye ati: ‘Dutegerezwa gutwara ibitungwa vyacu kuko ari vyo tuzoshikanira Imana yacu.’ Farawo yaciye ashavura cane, aca aramukankamira ati: ‘Mva mu maso! Ninasubira kukubona nzoca ndakwica.’

“Ntimuzobura kwongera kubona ubudasa buri hagati y’umugororotsi n’umubisha, hagati y’uwukorera Imana n’uwutayikoreye.”​—Malaki 3:18