Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 23

Bagiranira isezerano na Yehova

Bagiranira isezerano na Yehova

Inyuma y’amezi nk’abiri Abisirayeli bavuye mu Misiri, barashitse ku musozi Sinayi maze bakambikaho. Yehova yarabwiye Musa ngo aduge ku musozi maze amubwira ati: ‘Nararokoye Abisirayeli. Nibangamburukira bakubahiriza amategeko yanje, bazoba abantu banje.’ Musa yaramanutse uwo musozi arabwira Abisirayeli ivyo Yehova yari yamubwiye. Urazi uko bamwishuye? Bamwishuye bati: ‘Tuzokora ibintu vyose Yehova adusavye.’

Musa yarasubiye kuduga uwo musozi. Ari ng’aho, Yehova yamubwiye ati: ‘Mu misi itatu nzovugana namwe. Buza abantu ntibaze baduge ku musozi Sinayi.’ Musa yaramanutse arabwira Abisirayeli ngo bitegurire kwumviriza ivyo Yehova azobabwira.

Ya misi itatu irangiye, Abisirayeli barabonye imiravyo n’ibicu vyirabura kuri wa musozi. Barumvise imituragaro n’ijwi ry’inzamba. Yehova yaciye amanuka kuri uwo musozi ari mu muriro. Abisirayeli baratekewe n’ubwoba barajugumira. Umusozi wose wariko uranyiganyiga bimwe bikomeye kandi wari wuzuye imyotsi, rya jwi ry’inzamba na ryo rikaguma ryongerekana. Imana yaciye ibabwira iti: ‘Ndi Yehova. Ntimuze musenge izindi mana.’

Musa yarasubiye kuduga uwo musozi, maze Yehova amuha amategeko yerekana uko bakwiye kumusenga n’ingene bakwiye kwigenza. Musa yaranditse ayo mategeko araheza ayasomera Abisirayeli. Biyemereye bati: ‘Tuzokora ibintu vyose Yehova adusavye.’ Emwe, bari bagiraniye n’Imana isezerano. Ariko none, boba bari kurishitsa?

“Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose.”​—Matayo 22:37