Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 25

Itaberenakulo yo gusengeramwo

Itaberenakulo yo gusengeramwo

Igihe Musa yari ku musozi Sinayi, Yehova yaramubwiye kwubaka ihema ridasanzwe. Iryo hema ryitwa itaberenakulo, akaba ari ryo Abisirayeli bari gusengeramwo Yehova. Iyo taberenakulo bari kuza barayimukana iyo bagiye hose.

Yehova yamubwiye ati: ‘Bwira abantu batange ivyo bashoboye kuronka kugira bikoreshwe mu kwubaka iyo taberenakulo.’ Abisirayeli baratanze inzahabu, ifeza, umujumpu, amabuye y’agaciro n’udusharizo. Baratanze n’ubwoya bw’ibikoko, ilino, inshato z’ibikoko n’ibindi bintu vyinshi. Baratanze ibintu vyinshi ku buryo Musa yababwiye ati: ‘Birakwiye! Ntimusubire kuzana ibindi.’

Abantu bazi gukora ibintu bitandukanye barafashije kwubaka iyo taberenakulo. Yehova yarabahaye ubwenge bwo gukora ico gikorwa. Bamwe barajisha inyuzi, abandi bakadesa ibitambara. Hari n’ababaza amabuye, abakora ibintu vy’inzahabu n’abakora ibintu vy’imbaho.

Bubatse iyo taberenakulo nk’uko nyene Yehova yari yababwiye. Barakoze irido ryiza cane ryatandukanya ibice bibiri vy’iyo taberenakulo. Ivyo bice vyitwa Aheranda n’Aheranda rwose. Aheranda rwose hari isandugu y’isezerano ikozwe mu mbaho z’umunyinya hamwe n’inzahabu. Aheranda hari ikintu c’inzahabu giterekwako amatara. Hariyo n’imeza hamwe n’igicaniro baturirirako imibavu. Mu kigo hari ibesani y’umujumpu hamwe n’igicaniro kinini. Isandugu y’isezerano yaributsa Abisirayeli ko bari baremeye kugamburukira Yehova.

Yehova yacaguye Aroni n’abahungu biwe ngo babe abaherezi kw’itaberenakulo. Ni bo bahitwararika bakongera bakaza barashikanira Yehova ibimazi. Umuherezi mukuru Aroni ni we wenyene yari yemerewe kwinjira Aheranda rwose. Yahinjira rimwe mu mwaka agiye gushikana ikimazi c’ibicumuro vyiwe, ivy’umuryango wiwe n’ivy’Abisirayeli bose.

Abisirayeli bahejeje kwubaka iyo taberenakulo haciye umwaka bavuye mu Misiri. Bari bagiye baronka ahantu ho gusengera Yehova.

Yehova yarerekanye ko yashimye iyo taberenakulo mu gushira igicu hejuru yayo. Igihe cose ico gicu caba kiri hejuru y’itaberenakulo, Abisirayeli baguma aho bari. Ico gicu kigiye baca bamenya ko hageze ko bimuka. Baca basambura itaberenakulo, bagakurikira nya gicu.

“Nca numva ijwi rirenga riva kuri ya ntebe y’ubwami, rivuga riti: ‘Ehe ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu, kandi izobana na bo, na bo bazoba ibisata vyayo. Kandi Imana ubwayo izobana na bo.’”​—Ivyahishuwe 21:3