Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 26

Abatasi 12

Abatasi 12

Abisirayeli baravuye ku musozi Sinayi, baca mu bugaragwa bwa Parani maze baja i Kadeshi. Bari ng’aho, Yehova yabwiye Musa ati: ‘Rungika abagabo 12, umwumwe ku muryango, baje kuraba uko igihugu ca Kanani nzoha Abisirayeli kimeze.’ Abakora mwene ico gikorwa bitwa abatasi. Musa yaciye atora abagabo 12, ababwira ati: ‘Nimuje i Kanani murabe ko ico gihugu kimeramwo ibifungurwa. Murabe ko abantu baho bafise inguvu canke ko atazo bafise, ko baba mu mahema canke mu bisagara.’ Muri abo bagabo 12 harimwo Yosuwa na Kalebu. Bose baciye bahaguruka baragenda i Kanani.

Haciye imisi 40, abo bagabo baragarutse, baza bazanye insukoni, amakomamanga n’inzabibu. Bavuze bati: ‘Ni igihugu ciza cane, ariko abantu baho barakomeye cane kandi ibisagara vyaho bikikujwe n’ibihome birebire.’ Kalebu yaciye avuga ati: ‘Turashobora kubanesha. Nimuze tugende ubu nyene!’ Urazi icatumye Kalebu avuga gutyo? Ni kubera ko be na Yosuwa bizigira Yehova. Ariko abandi cumi bavuze bati: ‘Oya! Abantu baho ni barebare kandi barakomeye cane! Tumeze nk’uduhori kuri bo.’

Abisirayeli baratinye baca batangura kwidoga, babwirana bati: ‘Nimuze twitorere uwundi muntu atuyobora twisubirire mu Misiri. Kubera iki twoja muri ico gihugu ngo batwicireyo?’ Yosuwa na Kalebu baciye bababwira bati: ‘Ntimugambararire Yehova kandi ntimutinye. Yehova azodukingira.’ Ariko Abisirayeli baranse kwumva. Mbere baciye bashaka kwica Yosuwa na Kalebu!

None Yehova yaciye akora iki? Yabwiye Musa ati: ‘Abisirayeli maze kubakorera ibintu vyinshi, ariko n’ubu ntibangamburukira. Ku bw’ivyo, bazoguma muri aka gahinga imyaka 40 kandi ni ho bazopfira. Abana babo gusa hamwe na Yosuwa na Kalebu ni bo bazoba mu gihugu nabemereye.’

“Kubera iki muri n’umutima uhuha, mwa bantu b’ukwizera guke mwe?”​—Matayo 8:26