Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 27

Bagarariza Yehova

Bagarariza Yehova

Haciye igihe Abisirayeli bari mu gahinga, Kora, Datani na Abiramu be n’abandi bantu 250 baragararije Musa. Bamubwiye bati: ‘Turaguhaze! Kubera iki ari wewe utuyobora, Aroni na we akaba umuherezi mukuru? Erega Yehova ntakunda mwebwe mwenyene, twese aradukunda.’ Ariko ivyo bintu ntivyanezereje Yehova. Yabona ko abo bagabo ari we bariko baragarariza.

Musa yabwiye Kora n’abo bari kumwe ati: ‘Ejo muzoze kw’itaberenakulo mufise ibijamwo umuriro vyuzuye imibavu. Yehova azotwereka abo yatoye abo ari bo.’

Bukeye, Kora na ba bantu 250 barasanze Musa kw’itaberenakulo. Bari aho, baraturiye imibavu kandi batari abaherezi. Yehova yaciye abwira Musa na Aroni ati: ‘Nimuve iruhande ya Kora n’abantu biwe.’

Kora yaragiye kw’itaberenakulo ariko Datani na Abiramu n’imiryango yabo bo baranse kugenda. Yehova yaciye abwira Abisirayeli ngo bave iruhande y’amahema ya Kora, Datani na Abiramu. Ubwo nyene Abisirayeli baciye bigirwayo. Datani, Abiramu n’imiryango yabo bari bahagaze imbere y’amahema yabo. Muri ako kanya nyene isi yarasamye irabamira! Kw’itaberenakulo na ho, umuriro warakorotse uva mw’ijuru uraturira Kora na ba bagabo 250 barapfa.

Yehova yaciye abwira Musa ati: ‘Umwumwe wese mu bakuru b’imiryango naguhe inkoni maze uyandikeko izina ryiwe. Ariko ku nkoni y’umuryango w’Abalewi wandikeko Aroni. Izo nkoni uce uzishira mw’itaberenakulo; inkoni y’uwo natoye izomerako amashurwe.’

Bukeye, Musa yarasohoye za nkoni azereka ba bakuru b’imiryango. Inkoni ya Aroni yari yamezeko amashurwe kandi yariko ivyamwa bihiye. Yehova yari yerekanye ko Aroni ari we yatoye ngo abe umuherezi mukuru.

“Mugamburukire ababaja imbere kandi muyoboke.”​—Abaheburayo 13:17