Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 28

Indogobwa ivuga

Indogobwa ivuga

Abisirayeli bari bamaze mu gahinga nk’imyaka 40. Bari baratsinze ibisagara vyinshi bikomakomeye. Ico gihe bari bakambitse mu biyaya vy’i Mowabu mu buseruko bw’uruzi Yorodani, bagira binjire mu Gihugu c’isezerano. Balaki umwami wa Mowabu yaratinye ko bazohava bamutwara igihugu ciwe. Yaciye atumako umugabo yitwa Balamu ngo aze i Mowabu kugira avume Abisirayeli.

Ariko Yehova yabwiye Balamu ati: ‘Ntuvume Abisirayeli.’ Balamu yaciye yanka kugenda. Umwami Balaki yarongeye kumutumako, amwemerera kumuha ikintu cose ashaka. N’ico gihe nyene Balamu yaranse. Imana yaciye imubwira iti: ‘Urashobora kugenda, ariko uzovuge ivyo ndakubwira gusa.’

Balamu yaruriye indogobwa yiwe aja i Mowabu. Yashaka kuvuma Abisirayeli naho Yehova yari yamubujije. Umumarayika wa Yehova yaramutangiriye mu nzira gatatu kose. Balamu ntiyamubona ariko indogobwa yiwe yaramubona. Ubwa mbere, indogobwa yaciye ikatira mu murima. Ubwa kabiri yarakase ica iruhande y’uruzitiro rw’amabuye, ifyondera ukuguru kwa Balamu kuri urwo ruzitiro. Ubwa gatatu ho yaciye iryama mw’ibarabara. Izo ncuro zitatu zose Balamu yaguma ayikubita inkoni.

Ku ncuro igira gatatu, Yehova yaratumye iyo ndogobwa ivuga. Yabajije Balamu iti: ‘Kubera iki uguma unkubita?’ Balamu ayishura ati: ‘Urabona ivyo uriko urangira? Iyaba mfise imbugita nari kukwica.’ Ya ndogobwa na yo iti: ‘Ko maze imyaka myinshi ndagutwara, hari ibintu nk’ibi nari bwakugirire?’

Yehova yaciye atuma Balamu abona wa mumarayika. Wa mumarayika yamubwiye ati: ‘Yehova yarakubujije kuvuma Abisirayeli.’ Balamu na we ati: ‘Nacumuye. Reka nsubire muhira.’ Ariko uwo mumarayika amubwira ati: ‘Urashobora kuja i Mowabu, ariko uzovuge gusa ivyo Yehova akubwiye.’

Ivyo bintu vyabaye hari ico vyigishije Balamu? Oya. Inyuma y’aho, Balamu yaragerageje kuvuma Abisirayeli incuro zitatu zose, ariko Yehova yaca atuma abahezagira. Abisirayeli bahavuye batera Mowabu kandi Balamu yarishwe. Wumva bitari kuba vyiza iyo Balamu agamburukira Yehova hakiri kare?

“Mwirinde ubwoko bwose bw’umwina, kuko no mu gihe umuntu afise umurengera, ubuzima bwiwe ntibuva ku bintu atunze.”​—Luka 12:15