Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 31

Yosuwa n’Abanyagibeyoni

Yosuwa n’Abanyagibeyoni

Ivyabaye i Yeriko vyaramenyekanye mu bindi bihugu vy’i Kanani. Abami b’ivyo bihugu baciye baja hamwe kugira barwanye Abisirayeli. Ariko Abanyagibeyoni bobo bari bafise ikindi ciyumviro. Baraje kuraba Yosuwa bambaye impuzu zatabaguritse, bamubwira bati: ‘Tuvuye mu gihugu ca kure. Twarumvise ivyerekeye Yehova n’ibintu vyose yabakoreye mu Misiri n’i Mowabu. Twemerere ko mutazodutera, natwe tuzoca tuba abakozi banyu.’

Yosuwa yaremeye ivyo bamubwiye, aca arabemerera ko atazobatera. Haheze imisi itatu, yaramenye ko batari abo mu gihugu ca kure. Bari ab’i Kanani. Yosuwa yababajije ati: ‘Kubera iki mwaduhenze?’ Na bo bamwishura bati: ‘Twaratinye! Turazi ko Yehova Imana yanyu ari we abarwanira. Ntimutwice.’ Yosuwa yarabaretse, ntiyahindura ivyo yari yabemereye.

Haciye imisi mikeyi, abami batanu b’i Kanani n’abasoda babo baraje gutera Abanyagibeyoni. Yosuwa n’abasoda biwe baraye baragenda ijoro ryose bagiye kubatabara. Bukeye mu gatondo, intambara yaciye itangura. Abanyakanani barahunze barashwiragira. Ariko iyo birukira hose, Yehova yaca abakororerako ibibuye bininibinini vy’urubura. Yosuwa yaciye asaba Yehova ngo izuba rihagarare. Kubera iki yasavye ico kintu kandi kitari bwigere kiba? Ni kubera yizigira cane Yehova. Uwo musi wose izuba ntiryigeze rirenga, gushika Abisirayeli batsinze ba bami b’Abanyakanani n’abasoda babo.

“Ijambo ryanyu Ego niribe Ego, Oya yanyu ibe Oya; kuko ikirenze kuri ivyo kiva kuri wa mubisha.”​—Matayo 5:37