Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 32

Baraki n’abagore babiri badatinya

Baraki n’abagore babiri badatinya

Haheze imyaka myinshi Yosuwa ayobora Abisirayeli, yarapfuye afise imyaka 110. Akiriho, Abisirayeli basenga Yehova. Ariko amaze gupfa, baciye batangura gusenga ibigirwamana nk’Abanyakanani. Kubera ko Abisirayeli batagumye bagamburukira Yehova, yararetse umwami w’Umunyakanani yitwa Yabini arabahahaza. Baratakambiye Yehova ngo abafashe. Yehova yaciye abaha uwundi muntu abayobora yitwa Baraki. Yari kubafasha gusubira gusenga Yehova.

Umuhanuzikazi Debora yaratumyeko Baraki. Yagira amubwire ivyo Yehova yamutumye. Yamubwiye ati: ‘Tora abagabo 10.000, ugende kurwana n’abasoda ba Yabini ku ruzi Kishoni. Uzotsinda Sisera, umukuru w’abasoda ba Yabini.’ Baraki yabwiye Debora ati: ‘Tutajanye sinzogenda.’ Debora na we ati: ‘Tuzojana. Ariko umenye ko atari wewe uzokwica Sisera. Yehova yavuze ko azokwicwa n’umugore.’

Debora yarajanye na Baraki hamwe n’abasoda biwe ku musozi Tabori kugira bitegurire intambara. Sisera avyumvise, yaciye yegeraniriza abasoda biwe n’imikogote yiwe munsi y’uwo musozi. Debora yabwiye Baraki ati: ‘Uyu musi Yehova araguha intsinzi.’ Baraki n’abasoda biwe 10.000 baciye bamanuka uwo musozi, baja guhura n’abasoda ba Sisera.

Yehova yaciye atuma uruzi Kishoni rwuzura. Imikogote ya Sisera yaranse kugenda kubera ivyondo. Sisera yaciye ava mu mukogote wiwe ariruka. Baraki n’abasoda biwe baratsinze abasoda ba Sisera, ariko Sisera yarabasize! Yarahunze aja kwinyegeza mw’ihema ry’umugore yitwa Yayeli. Yayeli yaramuhaye amata aca aramupfuka n’uburengeti. Sisera yaciye asinzira kubera yari yarushe. Yayeli yarasobotse amucumita mu mutwe ikintu gisongoye, aca arapfa.

Baraki yaraje kurondera Sisera. Yayeli yaciye asohoka amubwira ati: ‘Injira ndakwereke umuntu uriko urarondera.’ Baraki yarinjiye aca asanga Sisera yapfuye. Baraki na Debora bararirimbiye Yehova kubera yafashije Abisirayeli gutsinda abansi babo. Abisirayeli baciye bamara imyaka 40 bibereye mu mahoro.

“Abagore batangaza inkuru nziza ni ingabo nyinshi.”​—Zaburi 68:11