Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 33

Rusi na Nawomi

Rusi na Nawomi

Igihe kimwe inzara yarateye muri Isirayeli. Umugore umwe yitwa Nawomi yaciye yimukira mu gihugu ca Mowabu ari kumwe n’umugabo wiwe n’abahungu biwe babiri. Haciye igihe, umugabo wa Nawomi yarapfuye. Abahungu biwe bararongoye abagore b’Abanyamowabukazi. Umwe yitwa Rusi, uwundi na we Orupa. Ikibabaje, abahungu ba Nawomi na bo nyene bahavuye bapfa.

Igihe Nawomi yumva ko inzara yari yaheze muri Isirayeli, yaciye asubira iwabo. Yagiye ajanye na Rusi na Orupa. Bageze mu nzira, yababwiye ati: ‘Mwarabanye neza n’abahungu banje kandi mwarambereye abakazana beza. Nipfuza ko muronka abandi bagabo. Nimusubire iwanyu i Mowabu.’ Na bo bamubwiye bati: ‘Turagukunda! Dushaka kugumana nawe.’ Ariko Nawomi yagumye ababwira ngo basubire inyuma. Orupa yahavuye asubira inyuma, ariko Rusi yaranse. Nawomi yamubwiye ati: ‘Orupa arasubiye mu bantu b’iwanyu no ku mana zanyu. Nimujane.’ Ariko Rusi yamubwiye ati: ‘Nshaka kugumana na wewe. Abantu bawe bazoba abantu banje, n’Imana yawe ibe Imana yanje.’ Wibaza ko Nawomi yumvise amerewe gute igihe Rusi yamubwira ayo majambo?

Rusi na Nawomi bashitse muri Isirayeli iyimbura rya sayiri rigeze. Umusi umwe, Rusi yaragiye gutoragura intete zisigara bariko barimbura. Yagiye mu murima w’umugabo yitwa Bowazi umuhungu wa Rahabu. Bowazi yarumvise ko Rusi yari Umunyamowabukazi be n’uko yari yaranse guheba Nawomi. Yaciye abwira abakozi biwe ngo baze barasiga intete mu murima kugira Rusi azitore.

Ku mugoroba, Nawomi yabajije Rusi ati: ‘Uno musi watoraguye mu murima wa nde?’ Rusi yamwishuye ati: ‘Mu murima w’umugabo yitwa Bowazi.’ Nawomi yaciye amubwira ati: ‘Bowazi ni incuti y’umugabo wanje. Uzogume utoragura mu murima wiwe uri kumwe n’abandi bagore. Harya nta co uzoba.’

Rusi yagumye atoragura mu murima wa Bowazi gushika iyimbura riheze. Bowazi yarabonye ko Rusi yakora cane be n’uko yari umugore ameze neza cane. Ico gihe, umugabo apfuye adasize abana, incuti yiwe yaca itwara uwo mugore wiwe. Bowazi rero yaciye atwara Rusi. Baravyaye umwana yitwa Obedi, akaba yahavuye aba sekuru w’Umwami Dawidi. Abagenzi ba Nawomi bararyohewe cane. Bamubwiye bati: ‘Ubwa mbere Yehova yaguhaye Rusi, umwe agukunda cane, none ubu na ho uronse umwuzukuru. Yehova nashemezwe.’

“Hari umugenzi amata ku muntu kuruta uwo bavukana.”​—Imigani 18:24