Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 34

Gideyoni atsinda Abamidiyani

Gideyoni atsinda Abamidiyani

Abisirayeli barasubiye guheba Yehova bongera gusenga ibigirwamana. Abamidiyani baramaze imyaka indwi babiba ibitungwa bongera bonona imirima yabo. Abisirayeli baca baja kwinyegeza mu bibuye bininibinini no mu misozi kugira bahunge Abamidiyani. Baratakambiye Yehova ngo abakize. Yehova yaciye atuma umumarayika ku musore yitwa Gideyoni. Uwo mumarayika yamubwiye ati: ‘Yehova yagutoye ngo ube umusoda akomeye cane.’ Gideyoni yaciye amubaza ati: ‘Jewe noshobora kurokora Abisirayeli? Nta co maze.’

None Gideyoni yari kumenya gute ko Yehova yamutoye? Yarashize ubwoya hasi, aca abwira Yehova ati: ‘Ejo mu gitondo ninasanga ubu bwoya bukanye ariko hasi humutse, nzoca menya yuko ushaka ko ndokora Abisirayeli.’ Bukeye yasanze bwa bwoya bukanye ariko hasi humutse! Mugabo Gideyoni yaciye asaba Yehova ko bukeye yosanga ubwoya bwumutse ariko hasi hakanye. Igihe yasanga vyagenze ukwo nyene, yaciye amenya neza ko Yehova yari yamutoye. Yaciye akoranya abasoda kugira baje kurwanya Abamidiyani.

Yehova yabwiye Gideyoni ati: ‘Nzotuma Abisirayeli batsinda. Ariko kubera mufise abasoda benshi, mwohava mwiyumvira ko mwatsinze kubera inguvu zanyu. Babwire uwufise ubwoba yisubirire muhira.’ Abasoda 22.000 baciye basubira muhira, hasigara 10.000. Yehova yarongeye kumubwira ati: ‘N’ubu baracari benshi. Bajane ku ruzi ubabwire banywe amazi. Abanywa amazi bariko bararaba ko ata mwansi abatera, abe ari bo gusa usigarana.’ Abasoda 300 gusa ni bo banyoye amazi muri ubwo buryo. Yehova yavuze ko abo basoda bakeyi bari gutsinda abasoda b’Abamidiyani 135.000.

Muri iryo joro, Yehova yabwiye Gideyoni ati: ‘Harageze ko mutera Abamidiyani!’ Gideyoni yaciye aha abasoda biwe inzamba n’imibindi mininiminini irimwo ibimuri. Yababwiye ati: ‘Mundabe, uko ngira abe ari ko mugira.’ Gideyoni yaravugije inzamba, aramena wa mubindi, arazungagiza ca kimuri, aca arasemerera ati: ‘Inkota ya Yehova n’iya Gideyoni!’ Ba basoda 300 bose baciye bagira ukwo nyene. Abamidiyani baragize ubwoba baca barashwiragira. Bariko barahunga, bagenda baricana hagati yabo. Yehova yari asubiye gufasha Abisirayeli gutsinda abansi babo.

“Ngo ububasha burengeye ubusanzwe bube ubw’Imana, ntibube ubuva kuri twebwe.”​—2 Abakorinto 4:7