Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 35

Hana asaba Yehova umwana

Hana asaba Yehova umwana

Umugabo umwe w’Umwisirayeli yitwa Elikana yari afise abagore babiri. Umwe yitwa Hana uwundi Penina, ariko Hana ni we Elikana yakunda cane. Penina yari afise abana benshi mugabo Hana nta n’umwe yari afise. Ni co gituma Penina yaguma amutwenga. Buri mwaka Elikana yarajana umuryango wiwe gusenga kw’itaberenakulo i Shilo. Igihe kimwe bari ng’aho i Shilo, yarabonye ko Hana yari ababaye cane. Yamubwiye ati: ‘Ihorere Hana. Jewe ndakwikundira.’

Hana yaciye agenda gusenga ari wenyene. Ariko arasenga Yehova ngo amufashe, yaguma arira. Yabwiye Yehova ati: ‘Yehova, niwampa umwana, nzoca ndamukugabira, kandi azogukorera ubuzima bwiwe bwose.’

Umuherezi mukuru Eli yarabonye Hana ariko ararira, aca yiyumvira ko yaborewe. Hana yamubwiye ati: ‘Oya sinaborewe. Mfise ingorane ikomeye, none ndiko ndayibwira Yehova.’ Eli yaciye abona ko yihenze maze amubwira ati: ‘Imana niguhe ico uyisavye.’ Hana ahejeje gusenga yaciye areka kubabara, aca aragenda. Yahavuye avyara umwana, aca amwita Samweli. Urazi ingene yanezerewe!

Hana ntiyibagiye ivyo yasezeraniye Yehova. Agikura Samweli kw’ibere, yaciye amutwara kw’itaberenakulo. Yabwiye Eli ati: ‘Uyu ni wa mwana nariko ndasaba Yehova. Ndamuhaye Yehova ngo azomukorere ubuzima bwiwe bwose.’ Elikana na Hana bama baja kuraba Samweli buri mwaka bamushiriye agahuzu gashasha. Yehova yarahaye Hana abandi bahungu batatu n’abakobwa babiri.

“Mugume musaba, muzohabwa; mugume murondera, muzoronka.”​—Matayo 7:7