Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 36

Indagano ya Yefuta

Indagano ya Yefuta

Abisirayeli barasubiye guheba Yehova batangura gusenga ibigirwamana. Igihe Abamoni babatera, ivyo bigirwamana nta co vyabafashije. Abisirayeli bamaze imyaka myinshi bamerewe nabi. Bahavuye batakambira Yehova bati: ‘Twaracumuye. Dufashe udukize abansi bacu.’ Abisirayeli baciye bakuraho ivyo bigirwamana basubira gusenga Yehova. Yehova ntiyashaka ko babandanya kumererwa nabi.

Umusoda yitwa Yefuta ni we yatowe ngo ayobore Abisirayeli mu ntambara yo kurwana n’Abamoni. Yabwiye Yehova ati: ‘Niwadufasha tugatsinda, ndakwemereye ko nzoguha umuntu wa mbere azoza kunsanganira ntashe.’ Yehova yarumvise isengesho rya Yefuta, aramufasha gutsinda iyo ntambara.

Yefuta atashe, umuntu wa mbere yaje kumusanganira yari umukobwa wiwe, kandi nta wundi mwana yari afise. Yaje aratamba yongera avuza akagoma. None Yefuta yari gukora iki? Yaributse ivyo yemereye Yehova maze avuga ati: ‘Yooh, mwananje! Urambabaje cane. Hari ikintu nemereye Yehova. Kugira ndagishitse, ntegerezwa kukurungika gukorera kw’itaberenakulo i Shilo.’ Mugabo uwo mukobwa wiwe yamubwiye ati: ‘Da, nushitse ivyo wemereye Yehova. Ico nosaba gusa, nundeke nje hariya mu misozi, mareyo amezi abiri ndi kumwe n’abakobwa b’abagenzi banje. Mvuyeyo nzoca ngenda.’ Umukobwa wa Yefuta yagumye akorera kw’itaberenakulo ubuzima bwiwe bwose. Buri mwaka, abagenzi biwe baraja i Shilo kumuramutsa.

“Uwiyumvamwo umuhungu wiwe canke umukobwa wiwe kuruta jewe, ntankwiriye.”​—Matayo 10:37