Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 38

Yehova aha inguvu Samusoni

Yehova aha inguvu Samusoni

Abisirayeli benshi barasubiye gusenga ibigirwamana. Yehova yaciye areka Abafilisitiya baraganza igihugu cabo. Ariko hariho Abisirayeli bamwebamwe bakunda Yehova. Umwe muri bo yari Manowa. Manowa n’umugore wiwe nta bana bari bafise. Umusi umwe Yehova yaratumye umumarayika ku mugore wa Manowa. Uwo mumarayika yamubwiye ati: ‘Uzovyara umuhungu. Azorwanira Abisirayeli abakize Abafilisitiya. Azoba Umunaziri.’ Urazi Umunaziri ico ari co? Yari umuntu akorera Yehova mu buryo budasanzwe. Abanaziri ntibari bemerewe kwimwesha.

Manowa yahavuye avyara umwana, amwita Samusoni. Samusoni amaze gukura, Yehova yaramuhaye inguvu nyinshi. Yarashobora kwica intambwe ata kirwanisho afise. Igihe kimwe, Samusoni yarishe Abafilisitiya 30 ari wenyene. Abafilisitiya baramwanka, bakaguma barondera ukuntu bomwica. Umusi umwe Samusoni yari yaraye i Gaza. Abafilisitiya baciye bagenda kw’irembo ry’igisagara baramurindira kugira baze kumwica mu gitondo. Ariko Samusoni yaciye avyuka mw’ijoro hagati, aja kw’irembo ry’igisagara maze arandura imiryango yaco. Yaciye ayishira ku bitugu, ayidugana kw’isonga ry’umusozi wari hafi y’i Heburoni!

Mu nyuma, Abafilisitiya baragiye ku mukobwa yakundana na Samusoni yitwa Delila, bamubwira bati: ‘Tuzoguha amahera menshi niwatubwira igituma Samusoni akomeye cane. Dushaka kumufata tumushire mu gasho.’ Delila yaciye yemera kubera yashaka ayo mahera. Samusoni yabanje kwanka kumubwira igituma yari akomeye cane. Ariko Delila yagumye amubazagiza gushika abimubwiye. Samusoni yamubwiye ati: ‘Ntibarigera bamwa umushatsi kuko ndi Umunaziri. Hamwe bomwa, inguvu zose zoca zihera.’ Samusoni yari akoze ikosa rikomeye mu kumubwira ico kintu.

Delila yaciye yiruka kubwira Abafilisitiya ati: ‘Namenye igituma akomeye!’ Yaciye asinziriza Samusoni ku bibero vyiwe, aca asaba umuntu ngo amumwe. Delila yaciye asemerera ati: ‘Ngaho Abafilisitiya Samusoni!’ Samusoni yarikanguye, ariko asanga inguvu zose zaheze. Abafilisitiya baciye bamufata, baramunogora amaso maze bamushira mu gasho.

Umusi umwe Abafilisitiya ibihumbi bari bakoraniye mu rusengero rw’imana yabo Dagoni, bariko basemerera bati: ‘Imana yacu yaraduhaye Samusoni! Muzane tube turitwengera.’ Baciye bamuhagarika hagati y’inkingi zibiri, batangura kumutwenga. Samusoni yarasemereye ati: ‘Ewe Yehova, ndagusavye umpe inguvu rindi rimwe gusa.’ Ico gihe umushatsi wiwe wari warasubiye gukura. Yaciye ahenura izo nkingi z’urusengero n’inguvu ziwe zose. Iyo nzu yose yaciye ibomoka, igwa ku bantu bose bari muri yo barapfa, na Samusoni arapfa.

“Muri vyose, ndonka inkomezi ndabikesheje umwe ampa ububasha.”​—Abafilipi 4:13