Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 39

Umwami wa mbere wa Isirayeli

Umwami wa mbere wa Isirayeli

Yehova yari yarahaye Abisirayeli abacamanza bo kubayobora, ariko bobo bishakira umwami. Babwiye Samweli bati: ‘Ibihugu vyose bidukikije birafise abami. Na twebwe dushaka umwami.’ Ico kintu carababaje Samweli, aca arakibwira Yehova mw’isengesho. Yehova yamubwiye ati: ‘Si wewe banse. Ni jewe banse. Babwire ko bazoronka umwami, ariko ko uwo mwami azobasaba ibintu vyinshi.’ Mugabo abantu bamubwiye bati: ‘Nta co. Twebwe twishakira umwami gusa!’

Yehova yabwiye Samweli ko umugabo yitwa Sauli ari we azoba umwami wa mbere. Igihe Sauli yaja kuraba Samweli i Rama, Samweli yaciye amusuka amavuta ku mutwe, bikaba vyerekana ko abaye umwami.

Mu nyuma, Samweli yarakoranije Abisirayeli kugira abereke umwami wabo mushasha. Mugabo bararondeye Sauli baramubura. Urazi igituma? Yari yinyegeje mu mizigo. Bamaze kumutora, baramuzanye bamuhagarika hagati y’abantu. Sauli yari muremure kuruta abandi bantu bose, kandi yari mwiza cane. Samweli yavuze ati: ‘Uwu ni we Yehova yatoye.’ Abantu baciye basemerera bati: ‘Umwami nahangame!’

Mu ntango, Umwami Sauli yarumvira Samweli kandi akagamburukira Yehova. Ariko yahavuye ahinduka. Nk’akarorero, igihe kimwe Samweli yarabujije Sauli ngo ntaturire ibimazi, ahubwo amurindire. Mugabo Samweli yaratevye gushika, Sauli aca araturira nya bimazi. None Samweli yavyakiriye gute? Yamubwiye ati: ‘Wagambarariye Yehova.’ Sauli yoba yarikosoye?

Ikindi gihe, Sauli yaragiye kurwana n’Abamaleki. Samweli yari yamubwiye ngo abice bose. Ariko Sauli yaranse kwica umwami wabo Agagi. Yehova yabwiye Samweli ati: ‘Sauli yarampevye, ntagikora ivyo ndamubwiye.’ Samweli yarababaye cane, aca abwira Sauli ati: ‘Ko utakigamburukira Yehova, azokwitorera uwundi mwami.’ Samweli ahindukiye ngo agende, Sauli yaciye amukwega impuzu, ica iratabuka. Samweli yaciye amubwira ati: ‘Yehova na we arakwatse ubwami.’ Yehova yagira atore uwundi mwami amukunda kandi amugamburukira.

“Kugamburuka kuruta ikimazi.”​—1 Samweli 15:22