Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 40

Dawidi na Goliyati

Dawidi na Goliyati

Yehova yabwiye Samweli ati: ‘Genda kwa Yese. Umwe mu bahungu biwe ni we azoba umwami agira kabiri wa Isirayeli.’ Samweli yaragiye kwa Yese. Abonye umuhungu wiwe w’imfura, yibwiye ati: ‘Ategerezwa kuba ari uyu.’ Ariko Yehova yabwiye Samweli ko atari we. Yavuze ati: ‘Jewe ndaba umutima w’umuntu, sindaba ukuntu aboneka inyuma.’

Yese yarazaniye Samweli abandi bahungu biwe batandatu. Mugabo Samweli yamubwiye ati: ‘Nta n’umwe Yehova yatoye muri abo. Nta bandi ufise?’ Yese yamubwiye ati: ‘Ndafise uwundi umwe w’umuhererezi yitwa Dawidi. Yagiye kuragira intama zanje.’ Dawidi ashitse, Yehova yaciye abwira Samweli ati: ‘Uwo ni we natoye!’ Samweli yaciye asuka amavuta ku mutwe wa Dawidi, aba yerekanye ko ari we azoba umwami wa Isirayeli.

Haheze igihe, Abisirayeli baragiye kurwana n’Abafilisitiya. Abafilisitiya bari bafise umusoda muremure cane kandi akomeye rwose yitwa Goliyati. Imisi yose Goliyati yama atuka Abisirayeli. Yababwira ati: ‘Nimuzane umuntu turwane. Niyanesha, tuzoca tuba abaja banyu. Ariko ninamunesha, muzoca muba abaja bacu.’

Dawidi yaraje aho abasoda b’Abisirayeli bari, azaniye ivyo kurya bakuru biwe bari mu gisoda. Yarumvise amajambo ya Goliyati, aca avuga ati: ‘Je nzogenda turwane!’ Umwami Sauli yamubwiye ati: ‘Wewe uracari umwana.’ Dawidi na we ati: ‘Yehova azomfasha.’

Sauli yarahaye Dawidi ibirwanisho vyiwe ngo abe ari vyo akoresha, mugabo Dawidi amubwira ati: ‘Ibi birwanisho nta vyo nshobora.’ Dawidi yaciye atora itopito yiwe aja ku ruzi. Yaratoye amabuye atanu asenye neza, ayashira mu gasaho yari afise. Yaciye yiruka aja iyo Goliyati ari. Goliyati yaciye asemerera ati: ‘Ingo wa mwana we ndakwereke. Ndakwica nce ndaguha inyoni n’ibikoko vyo mw’ishamba bikurye.’ Dawidi ntiyatinye. Yaciye avuga ati: ‘Uje witwaje inkota n’icumu, ariko jewe nje nitwaje izina rya Yehova. Nturiko urwanya twebwe; uriko urwanya Imana. Abari ng’aha bose baraza kubona ko Yehova akomeye kuruta inkota n’icumu. Aradufasha tubaneshe.’

Dawidi yarashize ibuye mw’itopito aca araritera n’inguvu ziwe zose. Yehova yarafashije Dawidi, nya buye rica riragenda rigema Goliyati mu ruhanga. Yaciye apfa. Abafilisitiya baciye bahunga. Woba wizigira Yehova nka Dawidi?

“Ku bantu ntibishoboka, mugabo ku Mana si ukwo, kuko vyose bishoboka ku Mana.”​—Mariko 10:27