Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 41

Dawidi na Sauli

Dawidi na Sauli

Dawidi amaze kwica Goliyati, Umwami Sauli yaciye amugira umukuru w’abasoda biwe. Dawidi yaratsinze intambara nyinshi, bituma abantu bamukunda cane. Igihe cose Dawidi yaba avuye kurwana, abagore baca baza kumutegera bariko baratamba bongera baririmba ngo ‘Sauli yishe ibihumbi, Dawidi we yishe ibihumbi mirongo!’ Sauli yaciye ashavurira Dawidi, aca arondera kumwica.

Dawidi yari azi kuvuza inanga neza. Umusi umwe ariko aravugiriza inanga Umwami Sauli, uwo mwami yaramuteye icumu. Dawidi yaciye akwepa, iryo cumu rica ryinjira mu ruhome. Inyuma y’aho, Sauli yaragerageje kenshi kwica Dawidi. Dawidi yahavuye ahunga aja kwinyegeza mu bugaragwa.

Sauli yaciye atora abasoda 3.000 baja guhiga Dawidi. Vyarashitse yinjira mw’isenga ry’ibuye Dawidi n’abasoda biwe bari binyegejemwo. Abasoda ba Dawidi bamwongoreye bati: ‘Uraronse akaryo ko kwica Sauli.’ Dawidi yarombotse maze acacura impuzu Sauli yari yambaye. Sauli ntiyabimenye. Mu nyuma Dawidi yarabonye ko yari yagize nabi kubera atubashe umwami yatowe na Yehova. Ntiyemereye abasoda biwe ko bica Sauli. Mbere yarahamagaye Sauli amubwira ko yari yaronse akaryo ko kumwica ariko ntiyamwica. Sauli yoba yaciye areka guhiga Dawidi?

Oya, yagumye amuhiga. Umusi umwe mw’ijoro, Dawidi n’umwishwa wiwe Abishayi barombotse barinjira aho Sauli n’abasoda biwe bari. Mbere na Abuneri yari asinziriye kandi ari we yari ajejwe gucungera ubuzima bwa Sauli. Abishayi yabwiye Dawidi ati: ‘Aha turamuronse! Reka ndamwice.’ Dawidi yamwishuye ati: ‘Yehova azomwihanira. Reka dutore icumu ryiwe n’agakuza kiwe k’amazi twigire.’

Dawidi yaciye yurira umusozi warabana n’aho Sauli n’abasoda biwe bari. Yasemereye ati: ‘Abuneri, kubera iki utakingiye umwami wawe? Icumu ryiwe n’agakuza kiwe k’amazi biri hehe?’ Sauli yarumvise ko ari ijwi rya Dawidi aca avuga ati: ‘Iyo ushaka wari kunyica. Ndazi ko ari wewe uzoba umwami wa Isirayeli agira kabiri.’ Sauli yaciye asubira muhira. Ariko rero, mu muryango wa Sauli si bose banka Dawidi.

“Nimba bishoboka, uko bivana namwe kwose, mubane amahoro n’abantu bose. Ntimwihore, bakundwa, ahubwo muhe akaryo uburake.”​—Abaroma 12:18, 19