Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 42

Umugenzi nyawe kandi adatinya

Umugenzi nyawe kandi adatinya

Yonatani umuhungu w’imfura w’Umwami Sauli yari umusoda adatinya. Dawidi yavuze ko Yonatani yanyaruka kurusha inkona, agakomera kurusha intambwe. Umusi umwe, Yonatani yarabonye abasoda b’Abafilisitiya 20 bari ku musozi. Yabwiye uwamutwaza ibirwanisho ati: ‘Yehova niyaduha ikimenyetso ni ho tubatera. Nibatubwira ngo tuduge, duca tumenya ko Yehova adushigikiye.’ Abo Bafilisitiya baciye basemerera bati: ‘Nimuduge turwane!’ Abo bagabo babiri baciye baduga kubatera kandi barabanesheje.

Kubera ko Yonatani yari imfura ya Sauli, ni we yari kuba umwami se wiwe apfuye. Yonatani yari azi ko Yehova yatoye Dawidi ngo azobe umwami wa Isirayeli, ariko ivyo ntivyatumye amwanka. Yonatani na Dawidi barakundana cane. Barasezeranye ko umwe wese azoza aravugira mugenziwe kandi akamukingira. Yonatani yarahaye Dawidi impuzu yiwe, icumu ryiwe, umuheto wiwe n’umukaba wiwe kugira amwereke ko ari umugenzi wiwe.

Igihe Dawidi yari yahunze Sauli, Yonatani yaragiye iyo ari, amubwira ati: ‘Nukomere, kandi ntugire ubwoba. Yehova yaragutoye ngo uzobe umwami. Ivyo na dawe arabizi.’ Ntiwoshima kugira umugenzi mwiza nka Yonatani?

Yonatani yarahatswe gupfa arondera gufasha umugenzi wiwe Dawidi. Yari azi ko se wiwe ashaka kwica Dawidi. Ni co gituma yamubwiye ati: ‘Niwica Dawidi uzoba ukoze icaha; nta kibi na kimwe yakoze.’ Sauli yaciye ashavurira Yonatani. Haciye imyaka, Sauli na Yonatani barapfiriye ku rugamba.

Yonatani amaze gupfa, Dawidi yaciye arondera umuhungu wiwe Mefibosheti. Amaze kumubona, yamubwiye ati: ‘Kubera ko so wawe yari umugenzi wanje, nzogufasha ubuzima bwawe bwose. Uzoba iwanje kandi tuzoza turafungurira hamwe.’ Dawidi ntiyigeze yibagira umugenzi wiwe Yonatani.

“Mukundan[e] nk’uko nabakunze. Nta wufise urukundo ruruta uru: ko umuntu yigura abagenzi biwe.”​—Yohani 15:12, 13