Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 43

Igicumuro c’Umwami Dawidi

Igicumuro c’Umwami Dawidi

Sauli amaze gupfa, Dawidi yaciye aba umwami. Yari afise imyaka 30. Umusi umwe ku mugoroba, Dawidi ari hejuru y’inzu yiwe, yarabonye umugore mwiza. Dawidi yaramenye ko uwo mugore yitwa Bati-sheba be n’uko umugabo wiwe yari umusoda yitwa Uriya. Dawidi yaratumyeko Bati-sheba. Bararyamanye kandi Bati-sheba yaciye atwara inda. Dawidi yaragerageje kunyegeza ivyo yari yakoze. Yabwiye umukuru w’abasoda biwe ngo ashire Uriya imbere mu ntambara, abandi basoda bace bamusiga ari wenyene. Uriya amaze gupfira mu ntambara, Dawidi yaciye atwara Bati-sheba aba umugore wiwe.

Ariko Yehova yari yabonye ivyo bintu vyose. None urazi ico yakoze? Yaciye arungika umuhanuzi Natani kwa Dawidi. Natani yamubwiye ati: ‘Umugabo umwe w’umutunzi yari afise intama nyinshi. Uwundi na we w’umukene yari afise akagazi kamwe kandi yaragakunda cane. Ariko uwo mugabo w’umutunzi yaciye akamutwara.’ Dawidi yarashavuye cane, aca avuga ati: ‘Uwo mutunzi akwiye gupfa!’ Natani yaciye abwira Dawidi ati: ‘Uwo mutunzi ni wewe!’ Dawidi yarababaye cane, aca abwira Natani ati: ‘Naracumuye kuri Yehova.’ Ico gicumuro catumye Dawidi n’umuryango wiwe bagira ingorane nyinshi. Yehova yarahanye Dawidi, ariko yaramuretse arabandanya kubaho kubera ko yavugisha ukuri kandi akicisha bugufi.

Dawidi yarashatse kwubakira urusengero Yehova, ariko Yehova amubwira ko umuhungu wiwe Salomo ari we azorwubaka. Dawidi yaciye atangura gutegura ibintu Salomo azokoresha, avuga ati: ‘Urusengero rwa Yehova rutegerezwa kuba rwiza cane, ariko Salomo aracari muto. Reka ndamutegurire ibintu azokoresha.’ Dawidi yaratanze ibintu vyinshi vyari gukoreshwa mu kwubaka urwo rusengero. Yararondeye abakozi bazi kwubaka neza. Yaregeranije inzahabu n’ifeza be n’ibiti vy’isederi abikuye i Tiro n’i Sidoni. Dawidi ari mu gupfa, yarahaye Salomo igicapo c’ingene azokwubaka urwo rusengero. Yamubwiye ati: ‘Yehova yaransavye ngo ndakwandikire ibi bintu. Azogufasha. Ntugire ubwoba. Nukomere utangure igikorwa.’

“Uwupfuka ibigabitanyo vyiwe ntazororanirwa, mugabo uwuvyatura kandi akabiheba azogirirwa imbabazi.”​—Imigani 28:13