Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 45

Ubwami bugaburwamwo kubiri

Ubwami bugaburwamwo kubiri

Mu kiringo cose Salomo yamaze asenga Yehova, muri Isirayeli hari amahoro. Ariko Salomo yari yararongoye abagore benshi batari Abisirayelikazi, kandi basenga ibigirwamana. Bukebuke Salomo yarahindutse, na we nyene atangura gusenga ibigirwamana. Yehova yarashavuye, aca abwira Salomo ati: ‘Ubwami bwa Isirayeli nzobwaka umuryango wawe ndabugaburemwo kubiri. Igice kinini nzogiha umwe mu bakozi bawe, umuryango wawe usigarane agace gatoyi.’

Ico kintu Yehova yavuze yaracerekanye no mu bundi buryo. Umusi umwe, umwe mu bakozi ba Salomo yitwa Yerobowamu yari ku rugendo maze ahura n’umuhanuzi Ahiya. Ahiya yarambuye ikanzu yiwe ayitaburamwo ibipande 12, maze abwira Yerobowamu ati: ‘Yehova azokwaka umuryango wa Salomo ubwami bwa Isirayeli abugaburemwo kubiri. Akira ibipande cumi kuko uzoba umwami w’imiryango cumi.’ Umwami Salomo avyumvise, yaciye arondera kwica Yerobowamu. Yerobowamu yaciye ahungira mu Misiri. Haheze igihe, Salomo yarapfuye haca hatangura kuganza umuhungu wiwe Rehobowamu. Yerobowamu yaciye abona ko ashobora kugaruka muri Isirayeli.

Abatama bo muri Isirayeli babwiye Rehobowamu bati: ‘Abanyagihugu niwabafata neza bazokugamburukira.’ Ariko abagenzi biwe bakiri bato bamubwiye bati: ‘Ahubwo ukwiye kubakarira! Nubakoreshe cane gusumba!’ Rehobowamu yumvirije impanuro y’abo bagenzi biwe bakiri bato. Yarafashe nabi abanyagihugu, na bo baca baragumuka. Baciye bimika Yerobowamu ngo abe umwami w’imiryango cumi, iyahavuye yitwa ubwami bwa Isirayeli. Iyindi miryango ibiri yahavuye yitwa ubwami bwa Yuda, kandi yagumye itwarwa na Rehobowamu. Ya miryango 12 ya Isirayeli yari yigabuyemwo kubiri.

Yerobowamu ntiyashaka ko abantu baja gusengera i Yeruzalemu. Woba uzi igituma? I Yeruzalemu hatwarwa na Rehobowamu. Yerobowamu rero yaratinya ko abantu bohava bamuheba bakisubirira kwa Rehobowamu. Yaciye akora inyana zibiri z’inzahabu, maze abwira abantu ati: ‘I Yeruzalemu ni kure cane. Muraza murasengera ng’aha.’ Abantu baciye batangura gusenga izo nyana z’inzahabu, baca barasubira kwibagira Yehova.

“Ntimuboherwe ku ngǒgo hamwe n’abatemera kandi bitajana. Kuko, ubugororotsi n’ubugarariji bihuriye ku ki? . . . Canke uwemera asangiye iki n’uwutemera?”​—2 Abakorinto 6:14, 15