Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 52

Yehova akingira Elisha

Yehova akingira Elisha

Beni-hadadi umwami wa Siriya yama aza gutera Isirayeli. Ariko igihe cose aje gutera, umuhanuzi Elisha yaca abibwira umwami wa Isirayeli, na we agaca ahunga. Beni-hadadi yaciye agira umugambi wo gufata Elisha. Yaramenye ko Elisha yari mu gisagara ca Dotani, aca arungika abasoda biwe kumufata.

Abasoda b’Abasiriya bashitse i Dotani mw’ijoro. Bukeye, umukozi wa Elisha yarasohotse aca asanga ico gisagara gikikujwe n’abasoda benshi. Yaragize ubwoba bwinshi, aca asemerera ati: ‘Tugire gute ga databuja?’ Elisha yamubwiye ati: ‘Abo turi kumwe ni benshi kuruta abari kumwe na bo.’ Yehova yaciye atuma uwo mukozi wa Elisha abona ko imisozi yari ikikuje ico gisagara yari yuzuyeko amafarasi n’imikogote y’umuriro.

Igihe abasoda b’Abasiriya bagira bafate Elisha, Elisha yaciye asenga ati: ‘Yehova, nubahume amaso.’ Ubwo nyene abo basoda baciye bibagira aho bari, naho bagumye babona. Elisha yababwiye ati: ‘Mwaje mu gisagara kitari co. Nimunkurikire nje kubereka umuntu muriko murarondera.’ Barakurikiye Elisha gushika i Samariya, aho umwami wa Isirayeli yaba.

Ubwenge bwagiye kugaruka bashitse i Samariya. Umwami wa Isirayeli yaciye abaza Elisha ati: ‘Ndabice?’ Elisha yoba yaciye abona ko aronse akaryo ko kwihora abo bantu bari bashatse kumugirira nabi? Oya. Elisha yamubwiye ati: ‘Ntubice. Bagaburire uce ubareka bagende.’ Umwami yaciye abagirira umusi mukuru aca arabareka barigira.

“Uku ni kwo guhera amazinda dufise kuri yo: ni uko ico dusaba cose twisunze ukugomba kwayo, itwumva.”​—1 Yohani 5:14