Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 53

Yehoyada ntiyatinya

Yehoyada ntiyatinya

Yezebeli yari afise umukobwa yitwa Ataliya, w’inkozi y’ikibi nka we. Ataliya yari umugore w’umwami wa Yuda. Igihe umugabo wiwe yapfa, umuhungu wiwe ni we yaciye aba umwami. Ariko igihe umuhungu wiwe yapfa, Ataliya yaciye yigira umwamikazi wa Yuda. Yaciye ashaka kwica abana bose b’umwami, ni ukuvuga abari gushobora kumukura ku butegetsi bose, naho bari abazukuru biwe. Abantu bose baramutinya.

Umuherezi mukuru Yehoyada n’umugore wiwe Yehosheba bari bazi ko ivyo Ataliya yariko arakora ari bibi. Baranyegeje akuzukuru ka Ataliya kitwa Yehowasi, naho vyari gutuma bicwa. Bakarereye mu rusengero.

Igihe Yehowasi yashikana imyaka indwi, Yehoyada yarakoranije abakuru b’imiryango n’Abalewi, ababwira ati: ‘Nimucunge imiryango y’urusengero, ntihagire umuntu yinjira.’ Yehoyada yaciye yimika Yehowasi ngo abe umwami wa Yuda, aramwambika n’urugori ku mutwe. Abantu bo muri Yuda baciye basemerera bati: ‘Umwami nahangame!’

Umwamikazi Ataliya yarumvise urwamo rw’abantu, aca yiruka ku rusengero. Abonye uwo mwami mushasha, yaciye asemerera ati: ‘Ukwo ni ukugarariza! Ni ukugarariza!’ Ba bakuru b’imiryango baciye bamusohora baramwica. None abantu bari guheba gute ibintu bibi yari yaraboheje gukora?

Yehoyada yarabafashije kugiranira isezerano na Yehova, maze baremera ko ari we wenyene bazosenga. Yehoyada yarabasavye kubomora urusengero rwa Bayali no kumenagura ibigirwamana bari bafise. Yaragenye abaherezi n’Abalewi ngo bakorere ku rusengero kugira abantu basubire kuhasengera. Yarashizeho abacunga imiryango y’urusengero kugira ntihagire umuntu ahumanye yinjira. Yehoyada n’abakuru b’imiryango baciye batwara Yehowasi ku nzu y’umwami, bamushira ku ntebe y’ubwami. Abantu bo muri Yuda baranezerewe. Ico gihe barashobora gusenga Yehova badatinya Ataliya kandi ata vyo gusenga Bayali bikihari. Ntubona ko Yehoyada yafashije abantu benshi kubera ko atagize ubwabo?

“Ntimutinye abica umubiri mugabo badashobora guhonya ubuzima; ahubwo nyabuna mutinye urya ashobora guhonereza ubuzima n’umubiri vyompi muri Gehena.”​—Matayo 10:28