Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 55

Umumarayika yarakingiye Hezekiya

Umumarayika yarakingiye Hezekiya

Igihugu ca Ashuri cari kimaze kwigarurira ubwami bwa Isirayeli bugizwe n’imiryango cumi. Senakeribu umwami wa Ashuri yagomba no kwigarurira ubwami bwa Yuda bugizwe n’imiryango ibiri. Yaratanguye kuza arigarurira ibisagara vya Yuda. Ariko igisagara ca Yeruzalemu ni co yarondera canecane. Mugabo Senakeribu ntiyari azi ko Yehova ari we akingira Yeruzalemu.

Hezekiya umwami wa Yuda yarahaye amahera menshi Senakeribu kugira ntatere Yeruzalemu. Naho Senakeribu yakiriye ayo mahera, yararungitse abasoda biwe gutera Yeruzalemu. Abantu b’i Yeruzalemu baragize ubwoba kubera ko abo basoda bariko baregereza. Hezekiya yaciye ababwira ati: ‘Ntimugire ubwoba. Abashuri barakomeye, ariko Yehova azotuma tubatsinda.’

Senakeribu yararungitse Rabushake i Yeruzalemu ngo aje gutera ubwoba abanyagihugu. Rabushake yarahagaze hanze y’igisagara maze asemerera ati: ‘Yehova ntashobora kubafasha. Hezekiya ntabahende. Nta mana n’imwe izoshobora kubatabara nitwabatera.’

Hezekiya yarabajije Yehova ico yokora. Yehova yamubwiye ati: ‘Ivyo Rabushake yavuze ntibigutere ubwoba. Senakeribu ntazokwigarurira Yeruzalemu.’ Mu nyuma, Hezekiya yararonse amakete avuye kwa Senakeribu. Ayo makete yagira ati: ‘Nimwishikane. Yehova ntashobora kubarokora.’ Hezekiya yaciye asenga ati: ‘Yehova, nudutabare kugira abantu bose bamenye ko ari wewe Mana yonyene y’ukuri.’ Yehova yamubwiye ati: ‘Umwami wa Ashuri ntazokwinjira i Yeruzalemu. Nzokingira igisagara canje.’

Senakeribu yarabona neza ko agira yigarurire Yeruzalemu. Ariko umusi umwe mw’ijoro, Yehova yararungitse umumarayika aho abasoda ba Senakeribu bari inyuma ya Yeruzalemu. Uwo mumarayika yarishe abasoda 185.000! Abasoda bakomakomeye ba Senakeribu bose barapfuye. Senakeribu yaciye asubira inyuma kubera yari atsinzwe. Yehova yarakingiye Hezekiya na Yeruzalemu nk’uko nyene yari yabisezeranye. Iyaba wari i Yeruzalemu muri ico gihe, wari kwizigira Yehova?

“Umumarayika wa Yehova akambitse irya n’ino y’abatinya Imana, kandi arabakiza.”​—Zaburi 34:7