Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 57

Yehova atuma Yeremiya

Yehova atuma Yeremiya

Yehova yaratoye Yeremiya ngo amutume ku bantu bo muri Yuda. Yamutumye kubabwira ngo bahebe gukora ibibi. Yeremiya yabwiye Yehova ati: ‘Erega Yehova jewe ndacari muto. Sinzi ivyo novuga.’ Yehova yamubwiye ati: ‘Ntutinye. Nzokubwira ivyo uzovuga kandi nzogufasha.’

Yehova yabwiye Yeremiya ngo akoranye abatama bo muri Yuda ace amenera akabindi imbere yabo, maze avuge ati: ‘Uku ni ko Yehova azomenagura Yeruzalemu.’ Igihe Yeremiya yabigira, abatama bo muri Yuda baciye bashavura cane. Umuherezi yitwa Pashuri yaramukubise, aca amubohera amaboko n’amaguru mu mpatane z’ibiti. Yamaze ijoro ryose adakakaza. Bukeye Pashuri yaramurekuye. Yeremiya yaciye avuga ati: ‘Ndabihevye. Sinzosubira kuvuga ubutumwa.’ None yoba koko yarabihevye? Oya. Yeremiya yarasubiye kuvyiyumvira, aca avuga ati: ‘Ijambo rya Yehova rimeze nk’umuriro muri jewe. Sinshobora kureka kurivuga.’ Yeremiya yarabandanije kubwira abantu ngo bahebe ibibi.

Haciye imyaka, uwundi mwami yaragiye ku butegetsi. Abaherezi n’abahanuzi b’ikinyoma baranka ivyo Yeremiya yavuga. Babwiye abaganwa bati: ‘Uyu muntu akwiye gupfa.’ Yeremiya yababwiye ati: ‘Nimwanyica, muzoba mumpoye ubusa. Mvuga ivyo Yehova antuma, si ivyo nikurira mu mutwe.’ Abaganwa bavyumvise, baciye bavuga bati: ‘Ntakwiye gupfa.’

Yeremiya yagumye avuga ubutumwa, abaganwa bo muri Yuda baca barashavura cane. Baciye basaba umwami ngo bice Yeremiya. Umwami yababwiye ko bomugira ico bashaka cose. Baciye bamuterera mu runogo rurerure rwuzuye ivyondo ngo apfireyo. Yeremiya yaciye atangura kunyika.

Umukozi wo ku kirimba yitwa Ebedi-meleki yaciye abwira umwami ati: ‘Abaganwa bataye Yeremiya mu runogo! Nitwamurekerayo arapfa.’ Umwami yaciye ategeka Ebedi-meleki ngo atore abagabo 30, baje kumukura muri urwo runogo. Yeremiya ntiyaretse ngo hagire ikintu na kimwe kimubuza kuvuga ubutumwa. Wumva tudakwiye kumwigana?

“Muzokwankwa n’abantu bose kubera izina ryanje; mugabo uwihanganye gushika kw’iherezo ni we azokizwa.”​—Matayo 10:22