Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 58

Yeruzalemu iturirwa

Yeruzalemu iturirwa

Abantu bo muri Yuda baguma baheba Yehova bagasenga ibigirwamana. Yehova yaramaze imyaka myinshi agerageza kubafasha. Yararungitse abahanuzi benshi ngo babahanure, ariko ntibabumvirije. Ahubwo baca babatwenga. None Yehova yahagaritse gute ukwo gusenga ibigirwamana?

Nebukadinezari umwami wa Babiloni yaguma atsinda ibihugu vyinshi. Igihe yatsinda Yeruzalemu ku ncuro ya mbere, yarafashe Umwami Yehoyakini, abaganwa, abasoda hamwe n’abacura ibirwanisho, abajana i Babiloni. Yaratwaye kandi ibintu vyose vy’agaciro vyari mu rusengero rwa Yehova. Yaciye yimika Zedekiya ngo abe umwami wa Yuda.

Mu ntango, Zedekiya yaragamburukira Nebukadinezari. Ariko abahanuzi b’ikinyoma n’abantu bo mu bihugu vyari bikikuje Yuda, bamuhanuye ngo agararize umwami wa Babiloni. Yeremiya yamubwiye ati: ‘Niwagarariza, muri Yuda hazoba ubwicanyi, inzara n’indwara.’

Zedekiya amaze imyaka umunani aganza, yaragararije Babiloni. Yaciye asaba abasoda ba Misiri ngo bamufashe. Nebukadinezari yararungitse abasoda biwe gutera Yeruzalemu, maze barugariza ico gisagara. Yeremiya yabwiye Zedekiya ati: ‘Yehova avuze ko niwishikana ku Banyababiloni, wewe n’iki gisagara ata co muzoba. Ariko nutishikana, Abanyababiloni bazoturira Yeruzalemu, nawe bagutware kugupfunga.’ Zedekiya yamubwiye ati: ‘Sinzokwishikana!’

Haciye umwaka n’igice, Abanyababiloni barabomoye impome za Yeruzalemu maze barahaturira. Baraturiye urusengero, barica abantu benshi, abandi ibihumbi na bo babatwara kubapfungira i Babiloni.

Zedekiya yaragerageje guhunga, ariko Abanyababiloni baramukurikiye. Bamufashe ageze hafi y’i Yeriko, baca bamuzanira Umwami Nebukadinezari. Uwo mwami yaciye yica abana ba Zedekiya, Zedekiya abona. Yaciye anogora amaso Zedekiya, aca amuta mu gasho, aho yahavuye apfira. Ariko Yehova yasezeraniye abantu bo muri Yuda ati: ‘Inyuma y’imyaka 70 nzobagarukana i Yeruzalemu.’

None ni ibiki vyashikiye bamwe mu basore batwawe i Babiloni? Boba bagumye bagamburukira Yehova?

“Yehova Mana, Mushoboravyose, ingingo zawe z’ubutungane ni iz’ukuri kandi ziragororotse.”​—Ivyahishuwe 16:7