Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 59

Abahungu bagamburukiye Yehova

Abahungu bagamburukiye Yehova

Igihe Nebukadinezari yajana i Babiloni abaganwa bo muri Yuda, yaciye abazeza umukozi wo ku kirimba yitwa Ashipenazi. Nebukadinezari yabwiye Ashipenazi ngo arondere muri bo abahungu bafise amagara meza kandi baciye ubwenge kuruta abandi. Abo bahungu bari kumara imyaka itatu bariko barigishwa. Ivyo vyari gutuma baba abategetsi bakomeye i Babiloni. Bari kwigishwa gusoma ururimi rw’i Babiloni, kurwandika no kuruvuga. Bari gufungura ku vyo kurya vy’umwami. Bane muri bo bari Daniyeli, Hananiya, Mishayeli na Azariya. Ashipenazi yaciye abaha amazina y’Abanyababiloni ari yo Beluteshazari, Shaduraki, Meshaki na Abedinego. None iyo nyigisho yoba yari gutuma bareka gukorera Yehova?

Abo bahungu bari biyemeje kuguma bagamburukira Yehova. Bari bazi ko badakwiye kurya ku mfungurwa z’umwami kuko zimwezimwe muri zo zari zihumanye hisunzwe amategeko ya Yehova. Babwiye Ashipenazi bati: ‘Turagusavye ntutugaburire ku mfungurwa z’umwami.’ Ashipenazi yabishuye ati: ‘Mutaziriye umwami akabona umengo muragwaye, yoca anyica!’

Daniyeli yaciye atora umugambi. Yabwiye uwari abajejwe ati: ‘Nutugaburire indya z’insoromano n’amazi mu misi cumi, hama uzoce utugereranya n’abandi bana barya ku mfungurwa z’umwami.’ Uwo muntu yaravyemeye.

Inyuma y’iyo misi cumi, Daniyeli na bagenziwe batatu bari bafise amagara meza kuruta abo bandi bana. Yehova yaranezerewe kubera ko bamugamburukiye. Yarahaye n’ubwenge Daniyeli bwo gusobanura indoto.

Igihe co kwigishwa kirangiye, Ashipenazi yarajanye abo bahungu imbere ya Nebukadinezari. Umwami yaravuganye na bo, asanga Daniyeli, Hananiya, Mishayeli na Azariya ni bo baciye ubwenge kuruta abandi. Uko ari bane, yaciye abatora ngo bakorere i bwami. Umwami yarabasaba impanuro ku bintu bihambaye. Yehova yari yarabahaye ubwenge kuruta abandi banyabwenge bose b’umwami n’abapfumu biwe.

Naho Daniyeli, Hananiya, Mishayeli na Azariya bari mu kindi gihugu, ntibigeze bibagira ko Yehova ari we Mana yabo. Woba nawe uzoguma wibuka Yehova n’igihe utazoba uri kumwe n’abavyeyi bawe?

“Ntihagire umuntu n’umwe yigera agaya ubuto bwawe. Ahubwo, nubere akarorero abizigirwa mu mvugo, mu ngeso, mu rukundo, mu kwizera, mu kutandura.”​—1 Timoteyo 4:12