Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 61

Baranse kwunamira igishusho

Baranse kwunamira igishusho

Haciye igihe Umwami Nebukadinezari arose ya ndoto, yarakoresheje igishusho kinini c’inzahabu. Yagishize mu kiyaya ca Dura aca atumako abantu bahambaye cane mu gihugu ngo bakoranire imbere yaco. Muri bo harimwo na ba Baheburayo batatu ari bo Shaduraki, Meshaki na Abedinego. Umwami yategetse ati: ‘Nimwumva umuziki w’urumbete, inanga n’umwironge, muce mwunamira ico gishusho! Umuntu wese ataza kucunamira aca atererwa mw’ifuru yaka umuriro.’ None ba Baheburayo boba bari kwunamira ico gishusho, canke bari kuguma basenga Yehova gusa?

Umwami yaciye atanga itegeko ry’uko bavuza wa muziki. Abantu bose baciye bunama barasenga ca gishusho, kiretse Shaduraki, Meshaki na Abedinego. Bamwe muri abo bantu barabibonye, baca babwira umwami bati: ‘Barya Baheburayo batatu banse gusenga igishusho cawe.’ Nebukadinezari yaciye abahamagara, ababwira ati: ‘Reka basubire babavugirize umuziki, muce musenga ico gishusho. Mutagisenze nca ndabaterera mw’ifuru y’umuriro. Nta mana n’imwe ishobora kubakiza.’ Bamwishuye bati: ‘Ntibirirwe barigora. Imana yacu irashobora kuturokora. Ariko naho itoturokora ga mwami, ntidusenga ico gishusho.’

Nebukadinezari yarashavuye cane, aca abwira abantu biwe ati: ‘Nimushushe ifuru incuro indwi kuruta uko mwahora muyishusha!’ Yaciye ategeka abasoda biwe ati: ‘Nimubabohe mubaterereyo!’ Iyo furu yari ishushe cane ku buryo igihe nya basoda bayegera baciye bapfa. Baratereye abo Baheburayo batatu muri nya muriro. Ariko Nebukadinezari aravye muri nya furu, yabonyeyo abantu bane bariko baratembera kandi yari yatereyeyo batatu. Yaragize ubwoba, aca abaza abantu biwe ati: ‘Burya ntitwatereye mu muriro abantu batatu? Mbonayo bane, kandi umwe asa n’umumarayika!’

Nebukadinezari yaregereye iyo furu, avuga ati: ‘Nimusohoke, mwa bantu b’Imana Mushoboravyose!’ Abantu bose baratangaye babonye Shaduraki, Meshaki na Abedinego bavuye muri uwo muriro ata na kimwe babaye. Impuzu zabo n’imishatsi yabo ntivyigeze bisha. Nta n’umwotsi wabamotako.

Nebukadinezari yaciye avuga ati: ‘Imana ya Shaduraki, Meshaki na Abedinego irahambaye. Yarungitse umumarayika wayo arabarokora. Nta yindi mana imeze nka yo.’

Nk’ukwo kw’abo Baheburayo batatu, woba wiyemeje kuguma ugamburukira Yehova naho hoba iki?

“Yehova Imana yawe ni we utegerezwa gusenga, kandi ni we wenyene utegerezwa gukorera igikorwa ceranda.”​—Matayo 4:10