Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 63

Indome ku ruhome

Indome ku ruhome

Haciye igihe, Belushazari yarabaye umwami wa Babiloni. Umusi umwe mw’ijoro, yaratumiye ku musi mukuru abantu igihumbi bahambaye mu gihugu. Yategetse abakozi biwe kuzana ibikombe vy’inzahabu Nebukadinezari yari yakuye mu rusengero rwa Yehova. Belushazari n’abashitsi biwe baranywereye muri ivyo bikombe bongera barashemeza imana zabo. Bagiye babona ukuboko kuriko kurandika amajambo batazi ku ruhome rw’inzu barimwo.

Belushazari yaratinye cane. Yaciye ahamagara abapfumu biwe, abemerera ati: ‘Uwumbwira ico aya majambo asobanura, nzomugira uwa gatatu ahambaye mu gihugu ca Babiloni.’ Abo bapfumu baragerageje, ariko nta n’umwe yabishoboye. Umwamikazi yaciye yinjira, amubwira ati: ‘Hariho umugabo yitwa Daniyeli yahora asobanurira ibintu Nebukadinezari. Arashobora kugusigurira ayo majambo.’

Daniyeli yaciye yinjira aho umwami ari. Belushazari yamubwiye ati: ‘Niwashobora gusoma ayo majambo no kuyasobanura, ndaguha inzahabu yo kwambara mw’izosi kandi nzoca ndakugira uwa gatatu ahambaye muri Babiloni.’ Daniyeli yishuye ati: ‘Ivyo bintu nta vyo nkeneye ariko ndakubwira ico ayo majambo asobanura. So wawe Nebukadinezari yarishima kandi Yehova yaramucishije bugufi. Urazi ivyamushikiye vyose ariko wasuzuguye Yehova mu kunywera umuvinyu mu bikombe vy’inzahabu vyo mu rusengero rwiwe! Imana rero yanditse aya majambo ngo: Mene, Mene, Tekeli na Parsini. Asobanura ko Abamedi n’Abaperesi bazokwigarurira Babiloni, kandi ntuzobandanya kuba umwami.’

Vyasa n’uko ata n’umwe yari gushobora gutsinda Babiloni. Ico gisagara cari gikikujwe n’ibihome bininibinini be n’uruzi. Ariko muri iryo joro, Abamedi n’Abaperesi barahateye. Umwami w’Umuperesi yitwa Kuro yarakatishije amazi ya rwa ruzi ku buryo abasoda biwe barucamwo n’amaguru gushika ku miryango y’ico gisagara. Basanze huguruye, baca barinjira barafata ico gisagara bongera barica n’umwami. Kuro yaciye aba umwami wa Babiloni.

Haciye umwaka, Kuro yamenyesheje ati: ‘Yehova yansavye gusubira kwubaka urusengero rwiwe ruri i Yeruzalemu. Umuntu wese ashaka gufasha muri ico gikorwa nagende.’ Nk’uko Yehova yari yarabisezeranye, Abayuda benshi barasubiye iwabo haciye imyaka 70 Yeruzalemu isambuwe. Kuro yararungitse ibikombe vy’inzahabu n’ifeza be n’ibindi bikoresho Nebukadinezari yari yarakuye mu rusengero. Urabona ingene Yehova yafashije abantu biwe abicishije kuri Kuro?

“Yatemvye! Babiloni Akomeye yatemvye, yacitse uburaro bw’amadayimoni.”​—Ivyahishuwe 18:2