Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 65

Esiteri arokora abantu b’iwabo

Esiteri arokora abantu b’iwabo

Esiteri yari umwigeme w’Umuyudakazi yaba mu Buperesi, mu gisagara ca Shushani. Hari haciye imyaka myinshi Nebukadinezari akuye umuryango wabo i Yeruzalemu. Esiteri yarezwe na Morodekayi mwene sewabo, umukozi wa Ahasuwerusi umwami w’Ubuperesi.

Ahasuwerusi yari akeneye uwundi mwamikazi. Abakozi biwe baramuzaniye abakobwa bezabeza bo mu gihugu, harimwo na Esiteri. Muri bose umwami yatoye Esiteri. Morodekayi yari yaramubujije kuvuga ko ari Umuyudakazi.

Umugabo yishima yitwa Hamani ni we yari umukuru w’abaganwa. Yashaka ko abantu bose bamwunamira. Morodekayi yaranse kumwunamira, aca arashavura cane ku buryo arondera kumwica. Hamani amenye ko Morodekayi ari Umuyuda, yaciye arondera kwica Abayuda bose bo muri ico gihugu. Yabwiye umwami ati: ‘Abayuda ni abantu babi cane; ukwiye kubica.’ Umwami yamubwiye ati: ‘Nubagire uko ushaka,’ aca amuha ububasha bwo gushiraho itegeko rishasha. Hamani yaciye ashiraho itegeko ryo kwica Abayuda bose ku musi ugira 13 w’ukwezi kwa Adari. Ivyo vyose Yehova yarabibona.

Esiteri ntiyari azi ivy’iryo tegeko. Morodekayi yaramurungikiye iryo tegeko maze amubwira ati: ‘Genda uvugane n’umwami.’ Esiteri yamwishuye ati: ‘Umuntu wese yinjiye aho umwami ari atamuhamagaye aca yicwa. Umwami amaze imisi 30 atantumako! Ariko nta kundi ndagenda. Niyantunga agakoni kiwe nzoba ndokotse, atari aho na ho ndapfa.’

Esiteri yarinjiye aho umwami ari. Umwami amubonye yaciye amutunga agakoni. Esiteri yaciye amwegera. Umwami yamubajije ati: ‘Ushaka iki ga Esiteri?’ Na we ati: ‘Nshaka ko mwe na Hamani mwoza nkabazimana.’ Ahejeje kubazimana, yaciye asubira kubatumira. Bagarutse, umwami yarongeye kubaza Esiteri ati: ‘Ushaka iki?’ Esiteri yishuye ati: ‘Hari umuntu ashaka kunyica n’abantu bo mu gihugu cacu. Nudufashe.’ Umwami yaciye amubaza ati: ‘Ni nde ashaka kubica?’ Na we ati: ‘Ni uwu mubisha Hamani.’ Ahasuwerusi yarashavuye cane, aca ategeka ko Hamani yicwa ubwo nyene.

Nta n’umwe yari gushobora gukuraho rya tegeko rya Hamani, mbere n’umwami. Umwami yaciye agira Morodekayi umukuru w’abaganwa, amuha n’ububasha bwo gushiraho irindi tegeko. Morodekayi yaciye ashiraho itegeko ryemerera Abayuda kwigwanira baramutse batewe. Ku musi ugira 13 w’ukwezi kwa Adari, Abayuda baratsinze abansi babo. Kuva ico gihe, buri mwaka Abayuda baragira umusi mukuru wo kwibuka iyo ntsinzi.

“Bazobakwega babatware imbere ya ba buramatari n’abami babampora, kugira bibe intahe kuri bo no ku mahanga.”​—Matayo 10:18