Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 66

Ezira yarigisha amategeko y’Imana

Ezira yarigisha amategeko y’Imana

Hari haheze imyaka nka 70 Abisirayeli benshi bagarutse i Yeruzalemu, ariko hari abari bakiba mu turere tw’Ubuperesi. Umwe muri bo yari umuherezi Ezira, akaba yarigisha abantu amategeko ya Yehova. Yaramenye ko abantu b’i Yeruzalemu batakurikiza ayo mategeko, aca ashaka kuja kubafasha. Umwami w’Ubuperesi Aritazeruzi yamubwiye ati: ‘Imana yaraguhaye ubwenge kugira wigishe amategeko yayo. Genda kandi ujane n’uwuvyipfuza wese.’ Ezira yaciye akoranya abantu bose bashaka gusubira i Yeruzalemu. Barasenze Yehova ngo abakingire mu rugendo rurerure bagomba bagire, baca baragenda.

Bashitse i Yeruzalemu haciye amezi ane. Abaganwa bari i Yeruzalemu babwiye Ezira bati: ‘Abisirayeli baragambarariye Yehova bazana abagore basenga ibigirwamana.’ None Ezira yaciye akora iki? Yarapfukamye imbere y’abantu, arasenga ati: ‘Yehova, waradukoreye ivyiza vyinshi, ariko twebwe twaragucumuyeko.’ Abantu baratahuye ko bakoze nabi ariko ntibahevye gukora ibibi. Ezira yaratoye abatama n’abacamanza kugira barabe icokorwa. Mu mezi atatu gusa, abantu bose batasenga Yehova bari bamaze kwirukanwa.

Haraciye imyaka 12. Muri ico kiringo, uruzitiro rwa Yeruzalemu rwarasubiye kwubakwa. Ezira yarakoranije abantu mu kibanza ca bose kugira abasomere amategeko y’Imana. Igihe yazingurura igitabu, abantu baciye bahaguruka. Yaraninahaje Yehova, na bo baca baraduza amaboko kugira berekane ko babishigikiye. Ezira yaciye asoma amategeko y’Imana yongera arayasigura, kandi abantu baramwumvirije bitonze. Baremeye ko bari barasubiriye guheba Yehova baca bararira. Bukeye, Ezira yarabandanije kubasomera amategeko. Baramenye ko bari bakwiye guhimbaza Umusi mukuru w’insago, kandi ko igihe co kuwuhimbaza cari cegereje. Baciye batangura kuwitegurira.

Mu misi indwi uwo musi mukuru wamaze, abantu baranezerewe bongera barashimira Yehova kubera bari bimbuye vyinshi. Nta Musi mukuru w’insago nk’uwo wari bwabe kuva mu gihe ca Yosuwa. Umusi mukuru uheze, abantu barakoraniye hamwe maze barasenga bati: ‘Yehova, waradukuye mu buja, uratugaburira mu bugaragwa maze uduha iki gihugu ciza. Ariko twagumye tukugambararira. Wararungitse abantu bawe ngo baduhanure mugabo ntitwabumvirije. Ariko wagumye utwihanganira. Warashikije ivyo wasezeraniye Aburahamu. Ubu rero turemeye ko tuzokugamburukira.’ Baciye bandika ivyo bari biyemeje. Abaganwa, Abalewi n’abaherezi baciye babishirako ikidodo.

“Hahiriwe abumva ijambo ry’Imana bakarigumya!”​—Luka 11:28