Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 68

Elizabeti aronka umwana

Elizabeti aronka umwana

Hari umuherezi yitwa Zekariya n’umugore wiwe Elizabeti baba hafi y’i Yeruzalemu. Ico gihe hari haciye imyaka 400 uruzitiro rw’i Yeruzalemu rusubiye kwubakwa. Bari bamaze imyaka myinshi babana, ariko nta kana bari bafise. Umusi umwe Zekariya yariko arashikanira Imana imibavu ku rusengero, umumarayika Gaburiyeli aca aramubonekera. Zekariya yaratinye ariko Gaburiyeli amubwira ati: ‘Ntutinye. Nje kukubwira inkuru nziza ivuye kuri Yehova. Umugore wawe azovyara umuhungu kandi uze umwite Yohani. Hari igikorwa kidasanzwe Yehova ashaka ko azokora.’ Zekariya yaciye amubaza ati: ‘Ivyo novyemezwa n’iki? Jewe n’umugore wanje turashaje ntidushobora kuvyara.’ Gaburiyeli yamwishuye ati: ‘Imana ni yo yantumye kubikubwira. Rero ko utavyemeye, ntuzosubira kuvuga gushika uwo mwana avutse.’

Uwo musi Zekariya yaratevye mu rusengero. Igihe yasohoka, abari bamurindiriye hanze barashatse kumenya icamutebeje. Ariko Zekariya ntiyashobora kuvuga. Ico ashaka kuvuga yacerekana akoresheje amaboko. Baciye batahura ko yari yaronse ubutumwa buva ku Mana.

Elizabeti yahavuye atwara inda hama avyara umuhungu nk’uko nyene wa mumarayika yari yabivuze. Incuti n’abagenzi baraje kuraba uwo mwana. Bararyohewe cane. Elizabeti yababwiye ati: ‘Yitwa Yohani.’ Na bo bati: ‘Mu muryango nta n’umwe yitwa Yohani. Mwite Zekariya nka se.’ Ariko Zekariya yaciye yandika ati: ‘Yitwa Yohani.’ Ubwo nyene Zekariya yaciye asubira kuvuga! Amakuru y’uwo mwana yaramenyekanye i Yudaya hose, bituma abantu bibaza bati: ‘Uwu mwana niyakura azoba umuntu ki?’

Impwemu nyeranda yaciye iza kuri Zekariya, aca avuga ati: ‘Yehova nashemezwe. Yasezeraniye Aburahamu ko azoturungikira umucunguzi, ari we Mesiya. Yohani azoba umuhanuzi kandi azotegurira inzira Mesiya.’

Mariya incuti ya Elizabeti na we nyene yarashikiwe n’ibintu bidasanzwe. Reka tubirabe mu kigabane gikurikira.

“Ku bantu ivyo ntibishoboka, mugabo ku Mana vyose birashoboka.”​—Matayo 19:26