Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 69

Gaburiyeli agendera Mariya

Gaburiyeli agendera Mariya

Elizabeti yari afise incuti yitwa Mariya, akaba yari umukobwa yaba i Galilaya mu gisagara ca Nazareti. Mariya yari arehejwe n’umubaji yitwa Yozefu. Igihe inda ya Elizabeti yari imaze amezi atandatu, umumarayika Gaburiyeli yarabonekeye Mariya. Yamubwiye ati: ‘Amahoro Mari. Yehova yaraguteye iteka ridasanzwe.’ Mariya ntiyatahuye ico ashatse kuvuga. Gaburiyeli yaciye amubwira ati: ‘Uzotwara inda, uvyare umuhungu kandi uze umwite Yezu. Azoba Umwami, kandi Ubwami bwiwe buzokwamaho.’

Mariya yamwishuye ati: ‘Novyara gute kandi ata mugabo ngira?’ Gaburiyeli na we ati: ‘Yehova nta kimunanira. Impwemu nyeranda izokuzako kandi uzovyara umuhungu. Incuti yawe Elizabeti na we nyene arafise inda.’ Mariya yaciye avuga ati: ‘Yehova nangire uko ashaka. Nibibe nk’uko ubivuze.’

Mariya yaciye aja kuraba Elizabeti aho yaba mu misozi. Mariya amuramukije, Elizabeti yagiye yumva umwana ari mu nda yiwe asimvye. Impwemu nyeranda yaciye iza kuri Elizabeti, aca avuga ati: ‘Mari, Yehova yaraguhezagiye. Ni iteka kwakira nyina w’Umukama wanje.’ Mariya na we ati: ‘Ndashemeza Yehova n’umutima wanje wose.’ Yaciye agumana na Elizabeti amezi atatu hanyuma asubira iwabo i Nazareti.

Aho Yozefu yumviye ko Mariya afise inda, yaciye ashaka kumuheba. Ariko umumarayika yaramubonekeye amubwira ati: ‘Ntutinye kumutwara. Nta kibi na kimwe yakoze.’ Yozefu yaciye atwara Mariya barabana.

“Ivyo Yehova yahimbawe no gukora vyose yarabikoze mu majuru no mw’isi.”​—Zaburi 135:6