Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 70

Abamarayika batangaza ivuka rya Yezu

Abamarayika batangaza ivuka rya Yezu

Sezari Ogusito, umutware w’inganji y’Uburoma, yarategetse ko Abayuda bose baja kwiyandikisha mu bisagara bavukamwo. Yozefu na Mariya baciye baja i Betelehemu, aho Yozefu yari yaravukiye. Mariya yari mu kuvyara.

Bashitse i Betelehemu barabuze aho barara, baca baja kurara mu ruhongore rw’ibitungwa. Aho ni ho Mariya yavyariye Yezu. Yaciye amuzingira mu dutambara maze amuryamika mu bwato ibitungwa vyariramwo.

Hafi y’i Betelehemu hariho abungere barara hanze bacunze ibitungwa vyabo. Bagiye babona umumarayika ahagaze imbere yabo, umuco w’ubwiza bwa Yehova uca urakayangana irya n’ino yabo. Baragize ubwoba, ariko uwo mumarayika aca ababwira ati: ‘Ntimutinye. Ndabazaniye inkuru nziza. Uno musi Mesiya yavukiye i Betelehemu.’ Abo bungere baciye babona abandi bamarayika benshi mw’ijuru bariko bavuga ngo: ‘Haninahazwe Imana mw’ijuru, kw’isi na ho habe amahoro.’ Abo bamarayika baciye bakamangana. None abo bungere baciye bakora iki?

Baciye babwirana bati: ‘Tugende i Betelehemu ubu nyene.’ Baranyarukiyeyo, basanga Yozefu na Mariya muri rwa ruhongore bari kumwe n’uwo mwana yavutse.

Abantu bose baratangara bumvise ivyo umumarayika yari yabwiye abo bungere. Mariya ntiyigeze yibagira ivyo uwo mumarayika yavuze. Abo bungere barasubiye inyuma kuraba ibitungwa vyabo, bagenda barashimira Yehova kubera ivyo bari babonye n’ivyo bari bumvise vyose.

“Navuye ku Mana, nkaba ndi hano. Kandi sinaje ndavyigeneye na gato, mugabo Uwo ni we yantumye.”​—Yohani 8:42